Incamake

Urunani Amizero y’Abarundi rwashikanye ibirego muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 24 mai 2018 saa 04:53
65055
0 0

Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rwashikanye ibirego ku bijanye n’amatora yo kwemeza canke guhaka ibwirizwa nshingiro, yabaye kuwa gatanu igenekerezo rya 17 Rusama 2018, muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro.

Umushingamateka Pierre-Célestin NDIKUMANA arongoye umurwi w’abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, aherekejwe n’abandi bashingamateka batowe muri urwo runani, nibo bajanye ivyo birego, inyuma y’umutaga wo kur’uno wa kane igenekerezo rya 24 Rusama 2018.

Ahejeje gutanga ibirego, Umushingamateka Pierre-Célestin NDIKUMANA yamenyesheje ko yisunze ko ibirego batanze bifise ishingiro, ku bijanye n’ibitagenze neza mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, yizeye ko bazotunganirizwa.

Ico gikorwa, gikurikiye amatangazo abiri yashikirijwe rimwe n’umukuru w’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, umushingamateka Agathon RWASA, hamwe n’irindi ryashikirijwe n’abashingamateka batowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bamenyesha ko amatora yabayemwo utunenge dukomeye.

Mw’itangazo yashikirije, umukuru w’ Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi, umushingamateka Agathon RWASA, yamenyesheje ko Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi rutazokwemera ibiharuro b’ishobora gushikirizwa ko vyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.

Urwo Runani rwasavye umurwi CENI gukora ataho uhengamiye, ugire kandi impfagusa ibiharuro vyavuye mu matora, mu gutunganya bushasha amatora yisunze itegeko rigenga amatora mu Burundi.

Kuwa mbere igenekerezo rya 21 Rusama 2018, umurwi utegura amatora ku rwego rw’igihugu CENI, wamenyesheje ko ibiharuro mfatakibanza vyerekana ko Ego yatsinze ku majwi 73,26 kw’ijana, mu gihe Oya yaronse amajwi 19,34 kw’ijana


Kumenyekanisha

1
zebras 30-05-2018 à 14:53

burya jw ndasavy abamenyeshamakuru bo bitanz batiziganya gukorera hamw abandi bashwae igihugu ko bohebuza ugo runani.irya differenc ntubna ko irnz iyo bari kurnka na 4o%

2
Aferky 27-05-2018 à 10:20

Agato arashaje, kushika ubu ntazi ingene Leta yuburundi ikora. Natenyenye agume yironkera agashahara, areke kuguma yicisha abo yita abayoboke.Ntabahende arabizi ko adasubiye mwishamba atazopfa ayoboye igihugu

3
Iragendananwa ivonne 26-05-2018 à 18:04

Jew Mbona AmiZERO YOKWEMRA IVYAVUY MU MATORA

4
rwasa 26-05-2018 à 11:05

Jew nibaza ko rwasa yavumwe nabavyeyi cank ariko yerekana ko.amahera yahawe n.abazungu yogutoba ko ariko arayaca.nagira nsabe leta imushinge kw.ijisho kuki uravye ukuntu yibabura biraboneka ko na rugereka bacomunikana mubisanzw muburundi hishwe nikuza barafata ibintu minenerwe muramufata n.umusi numwe mumugigize inkoni nka kadege murabe ko igihugu kitatekana.

5
Bariziruha 25-05-2018 à 17:03

Igikuru abarundi tutaramenya nagaciro ki gihugu cacu nabanyagihugu baco ivyo tubimenye nta muntu yosubira kuziza uwundi ivyiyumviro vyiwe kuko igihugu uvuka ugisangaho ugasiga kiraho guhindura amategeko kunyugu z Abantu Kanaka atariz abanyagihugu nigihugu sentare nibiteshe agachiro ntaco bimaze mugihe biboneka ko ari inyungu z Umuntu canke z Abantu

6
NIYUNGEKO ALEX 25-05-2018 à 13:06

REKA AMIZERO ABE ARATERINKURU MUKWINDWI AMATORA ARASUBIGWAMWO KANDI EGO IZOTSINDA 55% NONE AMIZERO AZOBA YUNGUTSE IKI ? EREGA NUMUKOBWA UMUBAJIJE KWAGUKUNDA YISHURA EGO IJAMBO EGO RIVUGWA KESHI BAMURATERUMUPIRA

7
Kagabo 25-05-2018 à 08:13

Amatora Ategerezwa Gusubirwamwo Kuko Ubuma Bwarahabaye Bwinshi Ataruko Ivyayavuyemwo Ntituzopfa Tuvyemeye

8
nzohabonayo 25-05-2018 à 05:54

uko nukwidigadiga nayo ivyokuyasubiramwo vyo ntibirimwo nibareke guteshumwanya

9
Jojo 24-05-2018 à 22:36

Abo nibamwe batuma igihugu kidaterimbere ariko ugo runani gonyene nigo gwabonye utwo tunenge ? Amatora ntiyosubigwamwo ico kirazira kikaziririzwa ahubwo oya yaratsinzwe nibabe biga kwemera ibivuy mumatora ivyo vyerekana ko na 2020 batazovyemera

10
Daniella 24-05-2018 à 21:57

Ayo,mahera,reta,yosubirishamwo,amatora,nibayahe,impfuvyi,abapfakazi,nabantahonikora,nabo,birukanye,mubisagara,bahora,basegerereza.!

11
Manirakiza 24-05-2018 à 21:20

Ni bagerageze je ndabahebuje ko atakizovamwo

12
Nibizi Mmaus 24-05-2018 à 19:46

Jewe Nibazako Ugorunani Amizero Yabarundi Bokwemera Ivyavuyn Mumatora Kubera Ntamatora Azosubigwamwo Vyaraheze

13
Ndayisenga Vital 24-05-2018 à 18:57

Abitura Ubutungane Ntakabi Kabo Ico Nsaba Nuko Bobatunganiriza Ataho Bahengamiye Ariko Umengo Basaba Amananiza Biragoyeko Amatora Asubigwamwo Kuko Atwara Uburyo Bwishi

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha