IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Aba "DJs"b’abahungu bagiye kubura isoko mu biteramo vy’abakobwa

Aba "DJs"b’abahungu bagiye kubura isoko mu biteramo vy’abakobwa

lundi 9 Ntwarante 2015

Abaririmvyikazi b’abarundi baraye berekanye ko bashoboye kugira igiteramo ata muhungu ca umugabo abaciriye mu majwi. Igiteramo-sabukuru casamiranamwo hanini indirimbo zihayagiza umukenyezi. Eduige yemeza ko bagiye kuzohora baremesha ibiteramo vy’abakobwa gusa:"N’aba DJs bazoba ari abakobwa".

JPEG - 203.5 ko
Natacha yahinduye impuzu

Bambaye neza, bikwije ibitari bimenyerewe kuri bamwe muri bo, Eduige, Emelance, Cynthia, Natacha, na Shaa wo muri Tanzaniya bati turashoboye kuremesha "stage" twenyene. Isabukuru yabereye kuri HOTEL CLUB DU LAC TANGANYIKA ku bw’ihimbazwa ry’umunsi mukuru wahariwe umukenyezi. Aba "Masters of Ceremonies"(MC): Alex Keza na Eduige.

Imbere y’uko igiteramo nyezina gitangura, hatanguye kuvuza umurwi wa Natacha urimwo uwitwa Kendo yatanguye avuza uturirimbo two gutanga ikaze. Eduige yabaye uwa mbere kuja ’stage’ aho yaririmbo indirimbo ziwe n’izindi za kera zahayagiza umukenyezi, canke zaririmbwe n’abagore:"Muvyeyi ndagushemeze, Wibuke... n’izindi zashoboye gushimisha abaraho. Inyuma ya Eduige, Emelance Emy azwi mu ndirimbo "Yambogorera, Iruhande yawe, gukeza umuvyeyi,..", Cynthian ashirako indirimbo zakoze kuri benshi nk’uko asanzwe aririmba indirimbo z’Imana, ati:"Halelua". Chany Queen ati:" Natanzwe" zimwe mu ndirimbo ziwe ahereza kuri "Diamond"ya Rihanna.

JPEG - 220.5 ko
Emelance

Igice ca nyuma c’igiteramo ciganjemwo Natacha na Shaa. Abo rero bari baje bazanye imirwi yabo y’abatamvyi, barabica biracika icuya kiraba icuya umuziki urareta.

Aho abakenyezi bose binjira mu giteramo baca bahabwa agashurwe ko kubipfuriza umunsi mukuru mwiza. Ikindi n’uko bamwe mu bavyeyi babo baririmvyi bari bishikiye gushigikira abakobwa babo b’Abaririmvyi.

JPEG - 170.4 ko
Cynthia

Inyuma y’igiteramo, Eduige ati:"Ibiteramo bikoresha n’abigeme gusa tugiye kubikomeza, aho n’aba DJs bazoba abakobwa".

JPEG - 159.8 ko
Natacha
JPEG - 212.1 ko
Shaa hagati y’abatamvyi biwe
JPEG - 260.5 ko
Chany Queen

Cherif Nkeshimana

Messages

  • Izo nindaya gusa zarabuze abagabooooooooo mutakufa ivo ivo mwe ba Resibienne .muranuka muga pipi natwe abahungu ntitukibashaka tuzoshaka abahungu nkatwe tuze twigirira ivyacu .........Nakare muraruhisha muga umuhungu nkanje ntangora kandi arampimbbara gusumba umukobwa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.