IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Abadandariza mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura bagirijwe gukwiragiza (...)

Abadandariza mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura bagirijwe gukwiragiza umwanda

vendredi 27 Kigarama 2013

Abadandariza mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura bagirijwe kuba batumva ingingo zafashwe, ndetse indwara ziva kw’isuku rike nazo zigaca zibangamira amagara y’abantu kuko ivyamwa bidandarizwa mu mabarabara biri mu bituma umwanda uguma ari mwinshi mu gisagara ca Bujumbura.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati rero akaba yasavye abajejwe umutekano gukora ku buryo abo badandariza muri ayo mabarabara birukanwa, mu kurindira ko Reta ibaha ibibanza badandarizamwo, kuko ivyo bibanza vyoba biriko birategurwa. Ariko rero, aha hagaca hibazwa ikibazo, igituma birukana abo badandariza muri ayo mabarabara kandi ataho barabereka baja, mu gihe bizwi neza ko bamwe muri abo, bahishije ivyabo mw’isoko nkuru ya Bujumbura ubu atahandi baziga uburaro n’uburamuko, atari muri ayo mabarabara.

Mu giporisi rero ahabo bakavuga ko bashira mu ngiro ingingo ziba zafashwe. Baremeza ko ikibazo cabo badandariza mu mabarabara y’igiagara kitoroshe kuko gifatiye ku nzara y’abantu, ariko bakavuga ko abasuma bikika mu kiza, mu gihe haba hari uruja n’uruza rw’abantu badandariza aha na hariya, umutekano nawo nyene, ugashobora guhungabanywa n’abantu bitse inyuma y’urwo ruja n’uruza. Abanyagihugu rero bagasabwa kwubahiriza ingingo ziba zafashwe. Mu bushikiranganji bw’umutekano bamenyesha ko bariko bararwiza abajejwe umutekano, bipange muri ayo mabarabara, kugira babuze abo bantu gushika mu bibanza basanzwe badandarizamwo.

Mu giporisi kandi, bakaba babeshuza ivyo bagirizwa nabo badandariza mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura, ko babakubagura canke bakabatwara ibintu vyabo. Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji akaba yamenyesheje ko bimwe mu vyamwa bisanzara, ibikomeye navyo baba babatse baheza bakabibasubiza.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ariko murabesha iyomyanda mbonye mwakuye kubuterere nibo bayishizeho! Mwitegure gutunga imiryango bari batunze hama ntimurya igiturire aho ntibakozwe muntoke nabamwe bavuga ntibazosubira gutanga ikori igipolici kidakuye abadandariza mwibarabara ewe burundi waragowe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.