IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Bujumbura : Abakobwa basigaye bitaba ibiteramo basa n’abari gusa

Bujumbura : Abakobwa basigaye bitaba ibiteramo basa n’abari gusa

mardi 19 Myandagaro 2014

Imico y’Uburundi ntivyari bimenyerewe kubona abakobwa bagenda gusa. Mu biteramo bibera mu gisagara ca Bujumbura, hasigaye haboneka abigeme bambika impuzu igice gito cane c’umubiri wabo, bariko baratamba naho, bagasigara batamba bari uko baremwe.

kuri iyi "photo" agahuzu ko munsi karaboneka

Izo nyambaro kenshi na kenshi abakobwa bazambara iyo bagiye mu bibanza bihurirwamwo n’abantu benshi cane cane mu biteramo. Akarorero ka hafi, ni mu giteramo giherutse aho habonetse umukobwa yambitse igice gito c’umubiri, ndetse bigasa n’aho yari yambaye izuba.

Nk’uko mubibona ku mashusho, agahuzu ko hejuru yari yambaye kari akayobera bahinga, kuko inda, umugongo, umukondo, eka n’amabere vyose vyari hejuru. Hepfo, uyo mwigeme yambaye aka "jipo" aho biboneka ko ataco akambariye kuko ataco kahisha, vyose vyaboneka.

Avuye hasi aja gutamba hoho, n’agahuzu ko munsi y’ako kamanyu k’ijipo yiwe karaboneka. Eka n’ubwoko bw’intambo baca batamba bambaye izo mpuzu buratangaje, ntawuzi ko iyo ntambo ivana n’impuzu baba bamabye. Aka n’akarorero kamwe muri bwinshi. Ivyo rero bikaba vyabera imbere y’abitavye ibiteramo barimwo abana n’abavyeyi, eka n’urwaruka.

JPEG - 38.2 ko
Abantu isinzi bariko barorera

Aba n’abandi bakibaza ni ba ari itera mbere ry’umuco ndundi canke ari gutituka kw’umuco.

JPEG - 41.6 ko
Intambo ziyobeye

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.