IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Institut Francais du Burundi > Abo ikigo c’Abafaransa cafashije barashinga intahe

Abo ikigo c’Abafaransa cafashije barashinga intahe

jeudi 29 Nzero 2015

Ikigo c’Abafaransa mu Burundi cerekanye ibintu bishasha vyahindutse mu ntumbero yo kworohereza abasomyi n’abarondera ibintu vy’ubuhinga ngurukanabumenyi muri ico kigo. Abo ico kigo cafashije baremeza ko cababereye ikigega c’ubumenyi n’urupfunguruzo rw’iterambere.

Uburongozi bw’ikigo c’Abafaransa mu Burundi (institut Francais du Burundi) bwarerekanye ku mugaragaro ibintu bishasha biheruka kwongerwa kugira bashike ku nyota y’abagendera ico kigo. Ku banyeshuri bahejeje amashuri y’isumbuye n’abo bose bakaneye kumenya vyinshi ku bijanye n’inyisho za kaminuza zo mu Bufaransa, haruguruwe ikigo (Campus France) kijejwe kwerekana izo kaminuza no gusigurira uko zikora, n’impamyabushobozi zitangwa. Ico kigo gifise aho gikorera aho nyene mu nyubakwa z’ikigo c’Abafaransa (Institut Francais du Burundi).

Harerekanywe kandi ikibanza gishasha co gusomeramwo ibitabo biciye mu buhinga bwa none"culturethèque". Muri ico kibanza,u munywayi yiyandikishije ashobora gusoma ibitabu birenga imiriyoni, amareresi, hamwe n’indirimbo canke ibiteramo vyabereye mu bindi bihugu vyo kw’isi birimwo ikigo c’abafaransa.

Bamwe mubo ico kigo cafashije nk’uwitwa Ezekiel yemeza ko ico kigo camubereye umuvyeyi n’umwigisha, itera mbere mu bumenyi hamwe n’urufunguruzo rw’ubuzima.

Mwomenyako ico kigo cuguruye imiryango kuva kw’igenekerezo rya 29 gushika ku rya 31 Nzero, aho uwuzoshaka kumenya ibihakorerwa n’ivy’iico kigo gitanga ahawe ikaze.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.