IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Institut Francais du Burundi > Ubushimwe bwitiriwe umwanditsi Patiri Michel KAYOYA bwaraye (...)

Ubushimwe bwitiriwe umwanditsi Patiri Michel KAYOYA bwaraye butanzwe

vendredi 14 Munyonyo 2014

Ubushimwe bwitiriwe umwanditsi Patiri Michel KAYOYA bwaraye butanzwe ku banditsi bahora mw’ihiganwa. Abenshi muri bo ni abakobwa, ivyo bigasigura ko urwaruka rw’abakobwa bariko baricira inzira mw’iterambere.

JPEG - 55.9 ko
Uwuserukira Ubufaransa mu Burundi atanze agashimwe Jessica Musanindanga

Ku ncuro ya gatandatu agashimwe kitiriwe Patiri Michel KAYOYA gatangwa, Jessica Musanindanga niwe yabaye uwa mbere ku gitabo « Journal d’un Schizophrène ». Jessica Musanindanga n’umukinyi w’amareresi mu murwi Lampyre. Ubwa kabiri haje Joëlla Sayubu ku gitabo yise « Une Dernière Nuit » , uwo n’umunyeshuri yiga i Gitega. Umuhungu yagiye gushikirwa mu kibanza ca gatatu, wo nawe ni Guy Fleury Giramahoro ku gitabo ciwe « Evelyne ou les Chemins Croisés ».

Umwanditsi w’amareresi, Marie Louise Sibazuri, yararongoye umurwi utanga amanota, yarashimye kandi ibindi bitabo nka « Au nom du Père et du Fils », c’umumenyeshamakuru Dacia Munezero, hamwe n’ikindi « Abstraite Existence », ca Monia Bella Inakanyambo.

Kuva mu mwaka w’i 2009, ni ubwa mbere ubushimwe bwitiriwe Michel KAYOYA buhabwa igitigiri kinini c’abakobwa, ico ni kimwe mu vyashimishije abategura iryo higanwa, kubera iryo higanwa risa n’ikibanza cahawe urwaruka kugira ruserure ivyiyumviro vyarwo.

Ibirori vyabaye mw’ijoro ry’uwo wa akne igenekerezo rya 13 Munyonyo, mu kigo c’abafaransa co mu Burundi kiri i Bujumbura.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.