IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Institut Francais du Burundi > Michel KAYOYA bakunze kwitirira agashimwe k’abanditsi ni nde? Yamaze (...)

Michel KAYOYA bakunze kwitirira agashimwe k’abanditsi ni nde? Yamaze iki?

jeudi 13 Munyonyo 2014

Haraheze imyaka itanu hatangwa ubushimwe bwitiriwe umwanditsi Patiri Michel KAYOYA. Ubwo bushimwe buhabwa abanditsi batwara mw’ihiganwa ivyo banditse vy’aba ibitabo, ivyese n’ibindi. Mbega Patiri Michel KAYOYA bitirira ubwo bushimwe ni nde? Yamaze iki?

JPEG - 21.3 ko
Michel KAYOYA

Roland Rugero, umumenyeshamakuru akaba n’umwanditsi aratubwira uwariwe Patiri Michel KAYOYA.

Roland Rugero

Michel KAYOYA yavutse kw’igenekerezo rya 08 Kigarama mu mwaka w’1943 mu Kibumbu, mu ntara ya Muramvya. Mu mwaka w’1948 na 1955 yize amashuri yisumbuye i MUGERA ku mashuri yegamiye idini rya katorika (Petit et Grand Seminaire). Yabandanirije amashuri i Burasira aho yize ivyigwa vya Philosophie, hari mu myaka y’1955 - 1958. Mu mwaka w’1962, yatahutse avuye kwiga mu Bubirigi mu mashuri y’aba Patiri.

Michel KAYOYA yashitse agenwa kuba Patiri mukuru wa Archidiocese y’i Gitega, hari kw’igenekerezo rya 8 Mukakaro 1963. Ico gihe yaciye aguma asomesha imisa kw’ishuri ryo mu Rusengo. Mu mwaka w’1963 na 1964, yashinze ikigo c’urwaruka i Buyogoma, hama aja kwiga Lille mu Bufaransa kuva mu mwaka w’1964 gushika mu mwaka w’1965. Yaranabaye umuyobozi w’iseminari ntoya y’i Mugera gushika muri Mukakaro 1970. Patiri Michel KAYOYA yapfuye agandaguwe kw’igenekerezo rya 13 Rusama 1972. Bagira bamwice, bivugwa ko yabanje kubasengera, bahejeje kumurasa, basigaye bararira.

JPEG - 60.5 ko
Roland Rugero

Roland Rugero aravuga Patiri Michel KAYOYA nk’umwanditsi w’ibitabo

Patiri Michel KAYOYA azwi cane mu bitabo bibiri yanditse. Kimwe casohotse mu mwaka w’1970 citwa Entre Deux Mondes (1970) na Sur les Traces de Mon Père (1971). Muri ivyo bitabo, Michel KAYOYA yavuga ibijanye n’imibano n’ubutunzi, yahamagarira urwaruka kugaruka ku mico y’abasogokuru. Bimwe mu vyiyumviro vyiwe vyagira biti :"Mbega inyuma y’intwaro ya gikoroni ntituzohava dusanga twayisubiyemwo kandi ikaze gusumba?"

Ku bw’ivyo bitabo n’ivyiyumviro vyiwe, havutse gutanga agashimwe ku banditsi kugira izina ryiwe rizogume ryibukwa. Roland Rugero avuga ko bifasha urwaruka guhurumbira kwandika no gusoma.

Nk’uko Roland abandanya atuyagira, agashimwe kitiriwe Michel gahabwa abatowe kubera ivyo banditse. Batora batanu hanyuma bagashiraho umurwi (Jury) wo gushishoza bakaraba abasumbije abandi. Mu ntango, ihiganwa ryitabwa n’abahungu gusa ariko uno mwaka mu bahiganwa batanu, abakobwa ni 4.

Tubibutse ko agashimwe kitiriwe umwanditsi Michel Kayoya ku ncuro ya gatandatu gatangwa kuri uwu gatatu igenekerezo rya 13 Munyonyo. Ibirori bibera mu kigo c’Abafaransa (Institut Francais du Burundi). Ako gashimwe gatanga na Groupe de presse Iwacu, hamwe n’ikigo c’Abafaransa (Institut Francais du Burundi).


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Muzi Koko ko yaruwimana ko yashengeye abo bamugandaguye? Imana ikomeze imufashe ahari aruhuke neza natwe abarundi dukwiye kuhakura isomo

  • None abo bamurase ko mwumva mwababanye barira habuze iki ngo bashirwe imbere y ’ubutungane?Jew mbona umengo.yazize wamugambimmubisha WA pastor arthemon Simbananiye wo kumara icitwa umuhutu wese azi gusoma no kwandika be numuhutu yaba afise agafaranga none mwirirwa mufukamanga ngo ni pastor kandi aguma arahira ko atamuhutu yigeze .arabesha Imans yo iramuzi kandi no kwihana ntitihana ngo asabe imbabazi abahutu yamariye ababo.

  • Nari gutangara iyo numva ko atapfuye muri urwo rwimo rwatumariye abacu! Ewe Burundi, wahekuwe kuva kera! Mbe munyumvira abo bamugandaguye hari igitabu banditse, ko bari bahejeje kuduhekura incabwenge nkiyo yokwanditse ibitabu vyinshi vyodufashije guca ubwenge? canke basoma vya bindi vyo mu macupa no mu mibindi? Emwe turacari ba mvuyekure, sindababesha!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.