IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Alain Nova aravuga uko yatoye abaririmvyi bazoja mw’isabukuru FIMUA (...)

Alain Nova aravuga uko yatoye abaririmvyi bazoja mw’isabukuru FIMUA (Bénin)

jeudi 26 Ruhuhuma 2015

Umumenyeshamakuru Alain Nova akora kuri Radio Culture ariko afashaka kurondera abaririmvyi bazoja kwitaba isabukuru izobera mu Benin. Isabukuru ibaye iya mbere ihuza abaririmvyi b’indirimbo za none"musiques urbaines". "FIMUA"(Festival International de Musique Urbaine d’Afrique) izobera mu gisagara ca Porto Novo. Kurikirana ido n’ido ry’ikiganiro Alain Nova yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE.bi

JPEG - 19 ko
Umumenyeshamakuru Alain Nova Irambona

IGIHE: Ndakuramukije mu munyeshamakuru Alain Nova

Alain Nova: Ndakuramukije kandi ndaramukije abasomyi n’abakunzi b’ikinyamakuru IGIHE.bi

IGIHE: Nova, wotubwira ibijanye n’isabukuru izobera muri Benin uriko urafasha?

Nova: Igihugu ca Benin ni igihugu kirangwa n’amasabukuru n’ibiteramo vyinshi. Ico gihugu caratahuye ko umucokama uja imbere y’ibindi. Ico gihugu rero cahora gitegura isabukuru ndangakaranga SICA. Uno mwaka hatangujwe ku ncuro ya mbere isabukuru ihuza abaririmvyi bavuza mu mudiho ugezweho bita "Musiques Urbaines". Isabukuru izobera mu gisagara ca Porto Novo, natowe kugira ndayiserukira mu gutora abaririmvyi bazokwitabira isabukuru.

IGIHE: Alain Nova watowe gute kugira userukire iryo sabukuru?

Nova: Mwiribuka ko nahora mw’isabukuru SICA. Ico gihe, jewe n’abandi bamenyeshamakuru bateza imbere akaranga twaciye dushiraho ihuriro canke Reseaux. Niho rero baravye basanga nije jewe ndi muri Reseaux ndi mu karere ka Afrika y’Ubuseruko. Uno mwaka ndiko nkorera cane mu Burundi.

IGIHE: Ugejeje gikorwa wajejwe?

Nova: Igikorwa ndakigejeje kure. Natanguye kuvugana n’abandi bamenyeshamakuru hamwe n’uwurongoye ishirahamwe ry’abaririmvyi kugira bamfashe gutora abo baririmvyi boja mw’isabukuru.

IGIHE: Wasabwe gutanga abaririmvyi bangahe mu Burundi?

Nova: Hatangura babiri baja mu nteguro. Abo baca bakorerwa facebook, site web na twitter kugira bace batangura ihiganwa biciye mu matora. Uwuzoronka amanota menshi niwe azoca abandanya aserukira igihugu muri Benin

IGIHE: Abaririmvyi warabatanze?ba nde?hasabwa iki?

Nova: Hasabwa vyinshi: umuririmvyi asabwa kuba ashobora gusigura ururirimbo rwiwe mu gifaransa, akanatanga incamake yaryo mu gifaransa nyene. Ategerezwa kuba afise indirimbo 2 ziri mu majwi"audio"hamwe na "liens" aho bashobora gukura amasanamu"Videos"ziwe.

IGIHE: Wotubwira abo watanze?

Nova: Imbere y’uko ndakwishura kuri ico kibazo, nagira mbanze nkumenyeshe ko isabukuru ifata mu mugongo umuririmvyi yashitseyo, bisigura ko umuririmvyi yimenya itike. ku kibazo cawe, maze kuyaga n’abaririmvyi batari bake, nasanze benshi basa n’abatinya itike.

IGIHE: Itike ni angahe?wahavuye ubaronka canke warababuze?

Nova: Eka sinababuze, itike ringana amadorari 1500(1500$). naho hari abatinye hari abemeye gutera inzu ibipfunsi nabo ni BARIGUME Regis azwi kw’izina rya Zoe Regis na NAHINGEJEJE Prince batazira Dj Prince canke Preeze. Abo baremeye gukubita inzu ibipfunsi. Abo basabwa kuba bazwi kugira bashobore gutorwa na benshi

IGIHE: Ko twumva hari ingorane z’itike, hari ico muravugana n’ubushikiranganji bw’urwaruka?

Nova: Nabonye mu ntango za SICA igihe hagenda SOGO yarimenye, ariko narahanuje barambwira ko nobivuga mu bushikiranganji. Kubera ari incuro ya mbere sindameya ko bazorungikira ubutumire ubwo bushikiranganji.

IGIHE: Abaririmvyi b’Uburundi bazojayo bazokwunguka iki?

Nova: (atwenga)Abarundi baciye umugani bati:"Akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze". Ni akaryo keza ko guhura no guhanahana ubumenyi n’abaririmvyi bava mu bihugu bishika 20 vyo muri Afrika. Aho umuririmvyi aciye akenge ntiyobura ico ahakura nk’umugambi wo kwubaka izina mu mahanga. Ikindi n’uko abaririmvyi bacu ba RAP baronse amahigwe mu gihe bahora bidoga ko bakumirwa.

IGIHE: Nova igihe mwava mw’isabukuru rya SICA umwaka w’i 2014 mwazanye iciyumviro ko isabukuru ry’umwaka w’i 2015, iciyumviro carabandanije canke?

Nova: Iciyumviro carabandanije kandi umugambi ugeze kure.

JPEG - 22 ko
Zoe Regis
JPEG - 76 ko
Preeze 36

Umviriza "Amen" ya Preeze 36


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.