IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Overdo > Guha agaciro izina ry’umurwi wabo "Overdo "

Guha agaciro izina ry’umurwi wabo "Overdo "

mercredi 16 Gitugutu 2013

Biyemeza gukora birenze kugira na ntaryo baheshe agaciro izina ry’umurwi wabo Overdo bisigura mu Kirundi kora birenze urugero.

Overdo, n’umurwi ugizwe n’abasore 5 baba mu gisagara ca Bujumbura. Abo bihaye intumbero yo gushira inguvu hamwe mu kuririmbira. N’aba bakurikira: Simbarakiye Eric aririmba kw, izina rya Snowcay akaba ari umukuru w’umugwi, ubu ari mu gihugu c’Ubushinwa kubandanya amashure, Niyongere Daddy-Dagbert aririmba kw’ izina rya Driver ni umunyeshure yiga kuri ICA mu mwaka wanyuma, Nyeniteka Delice-Allegre aririmba kw’izina rya Steakk el Negro yiga kw’ishure rya Iteletique , N.T Bertrand yiga kw’ishure rya Gikungu na Darcy batazira Nanga Devotion yiga muri Turikiya.

Daddy-Dagbert azwi kw’iizina rya Driver yabariye ikinyamakuru IGIHE ko uwo murwi wavutse mu mpera z’umwaka w’2012 aho basohora indirimbo yabo yambere bise Tuna Overdo. barabandanije bakora umuziki gushika aho bagera ku ndirimbo 12. Amenyesha ko basigaye ari batatu (3) aho Darcy batazira Nanga Devotion ari muri Turikiya na Simbarakiye Eric ariwe Snowcay ari mu Bushinwa.

Kubijanye n’ukugenda kwabo ko kutoba kwarabaciye intege,yishura ati:"ntivyaduteye umusuhero cane ariko vyatumye Clips twagira dusohore tuyibangirako kuko yategerezwa gusohoka dukwiye twese". Driver abandanya atubwira ko ubu bamaze gukora izindi ndirimbo zitatu (3) ziri muri studio GG Kolly Production ari naho basanzwe bakorera umuziki wabo.

Nyakanga 2013, umurwi wa Overdo waratsindiye agashimwe ka Trophee katangwa mw’ihiganwa rya Top 10 Awards ku radiyo Bonesha F.M rikoreshwa n, umumenyeshamakuru Davis Carmel, ku ndirimbo za mbere zasabwe gusumba izindi kuva umwaka utanguye. Aha araduha indirimbo zasabwe gusumba izindi ari nazo zatumye baronka ako gashimwe. Izo nazo ni: Tuna Overdo, Bagize Imana, Gabanya Amajambo, Ndi umu Bossi wanje, Harabandi

Avuga anezerewe cane ko batanguye nk’abafyina mugabo kuririmba vyabaye umwuga wabo.


Chérif Nkeshimana

Messages

  • turabashimiye kubona mwiyumviriye kuduha ayo makuru yabo bahungu biwacu! hama muze mutugezaho amakuru yabo so bafise niyindi ndirimbo shasha ikora kumutima yitwa harabandi ndayibatuye abakunzi ba overdo bose!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.