IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Overdo > Snow Cay akurira inkofero Cherif Pro ariko akora isanamu y’ururirimbo "Ndi (...)

Snow Cay akurira inkofero Cherif Pro ariko akora isanamu y’ururirimbo "Ndi Umu Boss Wanje"

lundi 9 Ruheshi 2014

Umwe mu baririmvyi bagize umurwi"Overdo"yakoze ururirimbo wenyene, kanatsinda asa n’uwutakiri mu murwi kuko asigaye aba mu mahanga. Ururirimbo "Ndi umu Boss wanje" rwaraheze gukorerwa amajwi na Dj Kolly The Magic, eka n’isanamu iri mu nzira yo gusohoka.

JPEG - 88.5 ko
Snow Cay

Umuririmvyi Snow Cay ari mu misore igize umurwi "Overdo", aherutse gukora ururirimbo yise "Ndi umu boss wanje". Amajwi yaraheze, ayo nayo akaba yakozwe n’umuhinyanyuzi Dj Kolly The Magic. Ururirimbo rumaze iminsi rusohotse, ubu naho himirije gusohoka isanamu "Video".

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, iyo ari mu gisagara ca Beijing mu Bushinwa, Snow Cay avuga ko amasanamu yafatiwe i Beijing, ariko azokwegeranywa n’umuhinyanyuzi Cherif Pro, uwo muririmvyi avuga ko yemera cane. Mu minsi iri imbere, isanamu irasohoka.

Tumubajije aho azozira mu gihugu c’amavukiro yiwe, Snow Cay yishura ko atarahamenya neza. Ku kibazo ko yoba akiri mu murwi "Overdo", Snowcay yishuye ati : "Mbega inkingi yinzu yosenyuka inzu ikaguma ihagaze?"

Umviriza aha munsi ururirimbo "Ndi umu Boss Wanje"


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.