IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > HNCI : Akigoro ko kurwanya gufungura nabi mu Burundi si ikirenga

HNCI : Akigoro ko kurwanya gufungura nabi mu Burundi si ikirenga

vendredi 27 Ruheshi 2014

The Hunger and Nutrition Commitment Index ishirahamwe rikorera ku bihugu bigera kuri 45 biri munzira y’amajambere, rivuga ko Uburundi atakigoro kaboneka buriko buragira mu kurwanya gufungura nabi cokimwe n’ibindi bihugu vyo muri EAC.

Mu myaka ibiri, iryo shirahamwe ataho ryegamiye mu vya poritike risanzwe rikorera mu gihugu c’Ubwongereza rikaba rikorera ku bihugu 45 biri mu nzira y’amajambere hamwe n’ibihugu vyose muri mu karere k’Afrika y’Ubuseruko. Mu vyirwa vyakozwe, vyerekana ko Uburundi bushira imitahe mike mu gisata c’uburimyi hafi ku bice 10.3 kw’ijana.

Mwomenya ko igitigiri c’abafungura nabi mu Burundi kigeze ku bice bidahumuriza, aho bigaragara kuri 58 kw’ijana vy’abarundi bafungura nabi. Ivyo bikaba atari ikimenyetso ciza mu gihugu, kuko bihagarika iterambere muri rusangi na cane cane ku bana bakiri bato, kuko iyo bageze mu bigero, bisanga ataco bagishobora guterera mukuzanira iterambere igihugu. Muri Reta y’Uburundi bakavuga ko bamaze kubona ko ingorane yo gufungura yabaye intambanyi yo gushika kw’iterambere, yarishinze kurondera uburyo bwose kugira igarukire ico kibazo.Yaciye ifata ingingo yo kwifatanya n’abandi kw’isi mu kwongerereza inguvu mu bijanye no gufungura neza, mu vyo bise SUN (Scaling Up Nutrition).


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.