IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ibanki y’isi yose yiteguriye gufasha abagore bafatwa ku nguvu

Ibanki y’isi yose yiteguriye gufasha abagore bafatwa ku nguvu

vendredi 4 Mukakaro 2014

Ibihugu bitatu ari vyo Uburundi, Urwanda na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo nivyo bigiye kuronswa imfashanyo kugira birwanye ifatwa ku nguvu ry’abakenyezi.

Ibanki y’isi yose rero ikaba yatanze imiriyoni zigera kw’icumi z’amadolare y’Amerika kuri ivyo bihugu uko ari bitatu bisanzwe bihuriye mw’ishirahamwe ry’ibihugu biri mu karere k’ibiyaga binini mw’itangazo ryashizwe ahabona. Ayo mafaranga yose rero, akaba azofasha abagore bahura n’izo ngorane bo muri ivyo bihugu.

Mukamenya ko akarere k’ibiyaga binini gafise ibitigiri vyinshi vy’abakenyezi n’abana bakiri bato bafatwa ku nguvu. Ivyo bitigiri ahanini, bikaba vyadugijwe n’indwano zabaye muri ivyo bihugu uko ari ibitatu, aho hari imirwi ya bamwe mu barwanyi baca birara mu bakenyezi bakabashurashuza ku nguvu, ndetse n’ubu ako kabi kakaba kataratuzwa burundu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.