IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Ibikorwa vya Festicab 2013 vyatangujwe icese

Ibikorwa vya Festicab 2013 vyatangujwe icese

samedi 8 Ruheshi 2013

Iryavuzwe ryatashe, isabukuru y’amareresi ku ncuro ya gatanu mu Burundi yaraye itangujwe icese kuri Hotel Club du Lac Tanganyika ku mugoroba w’ejo igenekerezo rya 7 Ruheshi 2013 imbere y’abarorerezi, abakunzi b’amareresi n’abafashe mu mugongo itunganwa ry’iyo sabukuru iba uko umwaka utashe igahuza abahinga b’abarundi n’abandi mvamakungu.

Amareresi azohiganwa haba ku rwego rw’igihugu canke mu makungu akaba yerekana ubuzima bwa misi yose, imico n’ivyiyumviro bitandukanye.

Ibikorwa vya Festicab 2013 yatunganijwe hisunzwe icivugo "Amareresi mu migambi y’amahoro n’iterambere" bikaba bizomara imisi indwi, kuva kw’igenekerezo ry’indwi gushika kurya 14 Ruheshi 2013.

Muri ico gikorwa kandi, haravuzwe n’ubushimwe butandukanye buzoronswa abazoba abambere haba mu bikorwa vyo gutunganya amareresi magufi magufi, ibiganiro bitohojwe ku buhinga buhanitse, ivyo bikazoronswa agahembo kava ku mafaranga angana n’umuriyoni n’ibihumbi amajana atanu gushika ku bihumbi amajana atanu.

Abandi bazoshimirwa ni abazoba bashize ijwi ryiza mu vyo bateguye, abazoshobora kwerekana neza ireresi yabo mu gihe ifise amasanamu meza, abagore bazorusha abandi guhindura ururimi mu rundi, abahungu bazoshobora guhindura ururimi mu rundi, abo bose bakazoronswa igihembo c’ibihumbi amajana atanu.

Twobamenyesha ko imirwi y’ibihembo ari myinshi, kandi igihembo ca mbere kikazoba ari kuva ku miriyoni zibiri n’ibihumbi amajana atanu gushika ku bihumbi amajana atanu.

Mu gisagara ca Bujumbura, amareresi azokwerekanwa kuri Hotel Club du Lac Tanganyika, ikingo ndangakaranga c’abafaransa, ikigo c’urwaruka co mu Kamenge (Centre Jeunes Kamenge) n’ikigo Celab


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.