IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Igiteramo c’umuririmvyi mpuzamakungu Bedja cahinduwe igenekerezo

Igiteramo c’umuririmvyi mpuzamakungu Bedja cahinduwe igenekerezo

mercredi 20 Myandagaro 2014

Igiteramo kiriko gitegurwa n’insamirizi y’imico kama "Radio Culture" cokwakira umuririmvyi karuhariwe mu mudiho wa Zouk cahinduwe rimwe mu magenekerezo y’ibiteramo uwo muririmvyi azogirisha. Imvo n’uko basanze iryo genekerezo rihura n’umunsi wa nyuma w’ihiganwa rya Primusic.

JPEG - 61.5 ko
Umuririmvyi Bedja

Umuririmvyi Bedja ava mw’izinga rya Mayotte riri mu gihugu c’Ubufaransa azoba ari mu biteramo mu Burundi kuva kw’igenekerezo rya 29 Myandagaro kuri Club du Lac Tanganyika. Bukeye kuwa 30 Myandagaro, Bedja yobaye ari mu kigo ndangakaranga "Musée Vivant". Ico giteramo cungurujwe igenekerezo.

Nk’uko Alain Nova umumenyeshamakuru w’insamirizi y’imico kama yabitumenyesheje, basanze iryo genekerezo rihura n’umunsi wa nyuma w’ihiganwa rya Primusic. Basanga hamwe ico giteramo coba kwoba ari kujuragiza abakunzi b’umuziki n’ibiteramo. Ari naho igiteramo caciye cungururizwa kw’igenekerezo rya 31 Myandagaro. Ntakindi cahindutse atari igenekerezo gusa.

Tubibutse ko Bedja aririmba mu mudiho wa Zouk, azokwakirwa n’abaririmvyi nka Rally Jo, Black J, Happy Famba na Natasha.

Umviriza ururirimbo "Anissa" rwa Bedja ruri mu rukurikirane "Je t’emmène"


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.