IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Ishirahamwe ry’abakinyi b’amareresi I COM PRO ryatanguye ryari? Rimaze (...)

Ishirahamwe ry’abakinyi b’amareresi I COM PRO ryatanguye ryari? Rimaze gushika kuki?

lundi 12 Nzero 2015

Ishirahamwe rikina amareresi n’ubuhinyanyuzi Isanamu Youth for Development n’inzu yaryo y’ubuhinga I COM PRO bagize icegeranyo c’ibikorwa vyakozwe kuva ishirahamwe ritangura gushika aho rigeze, hamwe n’ivyo bategekanya gukora narirya bitegurira ku mwaka ku mwaka ihiganwa rya Festicab.

JPEG - 3.3 Mo
Abagize urwego nyobozi muri "Isanamu-YD na I COM PRO

Mu birori vyo kwerekana ibikorwa vyakozwe n’ishirahamwe ry’abakinyi b’amareresi, harerekanywe amareresi yakinywe kuva inzu yubuhiga I COM PRO itanguye mu mwaka w’I 2012. Thierry Ndikuriyo batazira Sanifu umwe mubatanguje ishirahamwe akaba n’umuhinga mugukora amareresi, avugako iciyumviro catanguye baciga muri kaminuza y’Umuco (Universite Lumiere de Bujumbura). Isanamu ya mbere bakinye babisabwe n’ishirahamwe Brarudi ryari ryatunganije ihiganwa ry’amareresi magufi, iyo bayise “ENSEMBLE NOUS POUVONS” yahiganywe n’izindi zategurwa n’ikigo c’urwaruka co mu Kamenge(Centre Jeunes Kamenge), ikaba yatwaye ikibanza ca kabiri.

Nk’uko Thierry abandanya abivuga, mu mwaka w’I 2013, batanze amareresi abiri mw’ihiganwa rya Festicab ry’uwo mwaka. Ayo ni: Experience na Ndakwikuye. Iyo ya mbere yaciye itorwa nk’ireresi ifise ubutumwa butomoye (Mention special). Muri make yavuga ukuntu urwaruka rubura akazi kubera kutagira “Experience”kandi rushobora kwikorerera ivy’abo atawe rwambambiye. Abakinyi bo mw’ishirahamwe bamaze kwumva akomoto keza k’ibikorwa, bitavye Festicab y’i 2014 biteguye bihagije. Isanamu –YD yajanye mw’ihiganwa rya Festicab ireresi bise “Amosozi”. Iyo reresi yatahukanye agashimwe kahawe umwigeme wa mbere yakinye neza , gahabwa Rachelle Nisubire batazira cheche.

Ishirahamwe ryagumye rironderwa n’ayandi mashirahamwe yashaka gucisha ubutumwa canke impanuro mu mareresi, aho Thierry canke Sanifu atubwira ishirahamwe KAWAHATU BURUNDI, ireresi yitwa “Nta gahembo”, aravuga kandi iyindi bise “Tatiana” yakozwe bisabwe n’Abarundi baba mu mahanga igihe bari bafise indwi yabahariwe mu Burundi (semaine de la Diaspora) hamwe n’iyindi reresi yaraye isohotse ikaba n’iya mbere y’umwaka w’I 2015, bise “Iragi ryiza canke ribi” bakoze basabwe n’ishirahamwe rigwanya akaborerwe mu rwaruka BURUNDI ALCOHOL POLICY ALLIANCE(BAPA).

JPEG - 58 ko
Abakinyi bariko baraba imwe mu sanamu bakinye

Mu bikorwa vyo muri kazoza ishirahamwe Isanamu-YD ririteguriye bihagije ihiganwa rya Festicab ry’umwaka w’I 2015 bivugwa ko rizoba mu kwezi kwa Ndamukiza 2015. Ishirahamwe rivuga ko rifise amareresi rizojana mw’ihiganwa iruhande yayo bakiniye amashirahamwe. Mu bindi bikorwa bitegekanijwe muri uyu mwaka harimwo gukarihiriza ubwenge abakinyi mu ntumbero yo gutanguza ikigo c’abakinyi(Agence d’Acteurs)cegukira inzu y’ubuhinga I COM PRO.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.