IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Bujumbura : Uwatsindiye "Prix Découvertes RFI 2014" araremesha (...)

Bujumbura : Uwatsindiye "Prix Découvertes RFI 2014" araremesha igiteramo

mercredi 18 Ntwarante 2015

Umuririmvyi Marema yatsindiye agashimwe k’umuririmvyi wo muri Afrika gatangwa na RFI mu mwaka w’2014 ("Prix Découvertes RFI 2014") ari mu Burundi. Intumbero y’urugendo ni kuremesha igiteramo nk’uko amaze kubigira n’ahandi, kandi akibandanya.

Aririmba kw’izina rya Marema ariko yitwa Marieme Fall, aba ku murwa mukuru Dakar w’igihugu ca Sénégal. Se wiwe avuka muri Mauritanie na nyina wiwe ni uwo mu gihugu ca Sénégal nyene. Marema avuga ko yizeye ko igiteramo aremesha kuri iri genekerezo rya 18 Ntwarante, mu kigo c’Abafansa (Institut Francais du Burundi) citabwa cane nk’ibindi biteramo amaze kuremesha mu bihugu amaze gucamwo.

Nk’uko bigenda ku muririmvyi wese atsinze ihiganwa rya "Prix Découvertes RFI 2014", Marema azozunguruka ibihugu 21 vyo muri Afrika. Mu mwaka w’2013, ihiganwa ryatsindiye umuririmvyi Smarty wo muri BURKINA FASO, yararemesheje igiteramo mu Burundi mu mwaka w’2014.

Marema yatsindiye "Prix Découvertes RFI 2014" kubera ururirimbo "Femmes d’Affaires" rukozwe mu mudiho uvanze umuziki ndangakaranga n’imidiho mvamahanga "Tradi-Moderne". Marema aririmba cane mu ndimi z’iwabo nka Mbalax, wolof, hamwe n’izindi nk’igifaransa.

Umuririmvyikazi Marema amaze kuronka ubushimwe butari buke haba mu gihugu iwabo canke mu bindi bihugu cane cane vyo mu karere ka Afrika y’Uburengero, aha tuvuga: Prix Best Female yaronkeye muri Nigeriya, Prix du Jury StarAfrica Sounds 2014″ n’ururirimbo "Femme d’affaires", eka n’ubundi yaronkejwe mu gihugu iwabo.

Marema avuga kandi ko azova mu Burundi akoranye ururirimbo na Bobona yaronse ikibanza ca kabiri mw’ihiganwa Marema yabayemwo uwa mbere.

Tubibutse ko Marema aza kuba kuri uwu wa gatatu, ari kumwe n’umurwi wiwe ugizwe na SAMBA arongoye umurwi, ABDOUL RAHMAN( guitare basse), Mao (guitariste), Vieira (ingenieur de sons) na Albert(batterie). Uwo murwi wa Marema ufise kuzoca mu bihugu 18 vyo muri Afrika, Uburundi bubaye igihugu ca 5 uwu muririmvyi aciyemwo ku bw’ibiteramo bitegurirwa uwatsindiye "Prix Découvertes RFI".

Umviriza ururirimbo "Femmes d’Affaires" rwatumye Marema atsinda


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.