IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Ugusubiza hamwe kwa UPRONA kwoba kwaraciye imigongo abatari (...)

Ugusubiza hamwe kwa UPRONA kwoba kwaraciye imigongo abatari bake

mardi 28 Nzero 2014

Ugusubiza hamwe kw’abahora badacana uwaka mu mugambwe w’Adasigana UPRONA kwarababaje bimwe bivuye ku mutima umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD, n’ikimenyamenya akaba ari urubanza abo badasigana bari basanzwe bafise muri sentare ntahinyuzwa rwoba rugira rucibwe, kandi abo badasigana bararusokoye mu butungane, nk’uko vyamenyeshejwe n’umukuru w’umugambwe UPRONA Karori Nditije, mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru.

Muri ico kiganiro co kuri uyu wa 28 Nzero umwaka w’2014 "Ku Mugumya", Evariste Ngayimpenda yari asanzwe arongoye umurwi wiyemeje kwambika umutamana UPRONA, yicaranye n’umushingamateka Karori Nditije arongoye umugambwe UPRONA, bakaba batariye umunwa mu kwagiriza bamwe mu badasigana nk’umushingamateka Niyoyankana Bonaventure yahoze arongoye umugambwe na Gaston Sindimwo umunyamabanga mukuru w’uyo mugambwe kuba barahemutse, bakaba ari ibikoresho vy’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD mu gushaka kugumiza abadasigana mu ndyane zidahera.

Evariste Ngayimpenda yambaye ishati yera, nayo Karori Nditije ari hirya yiwe

Umukuru w’umugambwe ari kumwe na Ngayimpenda, bakaba bamenyesha ko bagiye kuvugitira umuti abo bahemutse, bakabavuga hose ukwo bari, bakamenyekana. Ariko rero bikavugwa ko atari abo babiri gusa, hari n’abandi ndetse basanzwe bari no mu nzego nkuru z’igihugu, boba bariko barafashanya na Sindimwo na Niyoyankana. Amakuru twahawe na bamwe mu badasigana bari aho ku Mugumya, akavuga ko muri uyo murwi w’abadashaka ko abadasigana bosubirana, harimwo nk’umushikiranganji w’iterambere ry’amakomine Jean Claude Ndihokubwayo hamwe na Teresiyo Sinunguruza yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, we ndetse yoba ari navyo yazize, mu gukurwa mu mabanga yo kuba icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Felix Mboneko yambaye ishati ishaka kwirabura, akaba ari icegera c'umukuru w'umugambwe UPRONA

Abo badasigana rero badashigikiye ugusubiza hamwe kw’umugambwe wa Rwagasore boba baracitse umugongo, abarongowe na Ngayimpenda basubiranye n’abo kwa Nditije, bakaba bipfuza kubandanya bakurikirana urubanza ruri muri sentare ntahinyuzwa bafashijwemwo na CNDD FDD, kugira abarongoye umugambwe ubu bace bakomborwa, umugambwe uheze usubizwe umushingamateka Niyoyankana Bonaventure afashijwe na Gaston Sindimwo n’abandi bacuditse hamwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD, mu gutegura ayandi matora, amatora ashobora kuzana uworongora uyo mugambwe akomera amashi CNDD FDD mu kwaha kwawo, akawushigikira mu kiringo kigira gatatu ca Petero Nkurunziza hamwe n’itegeko rishasha rigenga umurwi CNTB, itegeko rivugwa ko ari inkingi y’umugambwe uri ku butegetsi mu matora yo mu mwaka w’2015. Uwo yipfuzwa n’umugambwe uri ku butegetsi kugira aze kubafasha ivyo vyose, bikavurwa ko yoba ari Niyoyankana Bonaventure yahoze arongoye UPRONA.

Tukabamenyesha ko muri ico kiganiro, umugambwe UPRONA wamenyesheje ko wiyamirije wivuye inyuma ico cose cotuma umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza asubira kwitoza ubugira gatatu, ndetse bakavuga ko itegeko rishasha rigenga umurwi CNTB batarota barishigikira. Abo badasigana bakarangiza bavuga ko "imihimbiri, abasuma n’abambuzi eka na ba mpema yuzuye canke ba mpemuke ndamuke" bagiye kubarwanya, nk’uko umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore yabishikirije mw’ijambo ryiwe.


Aristide Nizigire

Messages

  • uprona komera, nditije turagushigikiye cane kuko ufise umugambi wo gusubiza ijambo abari baravanye kubera inda ndende za bamwe mubaporona nka niyoyankana, sinunguruza na gaston. tuzobarwanya twese kandi tuzobatsinda. komera, nguvuuuuuuuu oyeeeeeeeeee

  • uprona komera, nditije turagushigikiye cane kuko ufise umugambi wo gusubiza ijambo abari baravanye kubera inda ndende za bamwe mubaporona nka niyoyankana, sinunguruza na gaston. tuzobarwanya twese kandi tuzobatsinda. komera, nguvuuuuuuuu oyeeeeeeeeee

  • Aho sha UPRONA. Ntubona none!!!! Kwisubiza agateka!

  • muriyambitse umutamana. imvugo ize ijane n’ingiro muze mwiyubare abosubira kubacanishamwo. tugiye kugaruka mu mugambwe wacu kandi turabashigikiye mururwo rugamba.

  • Gusubiza hamwe, ni vyiza kandi nta murundi vyorwa nabi atari nsumirinda canke umusambuzi. Ariko rero, ko bavuze Niyoyankana Bonaventure na Terence Sinunguruza ko ari bo bononye UPRONA hama nkaba nzi ko abo bagabo babiri ari somambike na Buyoya Pierre, Busokoza Bernard we yegamiye he? Jewe mbona muri UPRONA hakiri ikibazo kandi simbona igituma CNDD-FDD yogir’umutima uhagaze mu matora y’2014. Mbe ko abanyepolitike bacu batinya ko Nkurunziza asubira kwitoza mu 2015, CNDD-FDD itanze la 1ere Dame Denise NKURUNZIZA comme leur candidat a la presidence, bosubira kuvuga iki?

  • UPRONA mumatora aherutse yarerekanye ko arumugambwe wigihangange mukwemera kubahafi yumugambwe wariwatsinze amatora abataribake barabasetse ngo ikundivyicaro arikojewe ndamazekubona ko UPRONA ivyivyicaro nikimwe ariko hariho ibimenyetsovyishi bitwereka ko nubwo itotsindamatora ikomeza gukunda igihugu nabatsinze, mugiheabandi batsinzwe bacabashaka kuba ba niwankabimeneke. UPRONA kwiyungakwayo ireretse iyindimigambwe migenzi wayo yatsitsemwokubiri canke kurenga ko bashaka bobitura bakabagira inama.

  • Wapi ahubwo biguye kwunyuka noneho havemwo ibice 4 .abo bawucamwo ahubwo babandanye kuko uyu mugamwe waraciye umutima abarundi,wica na Ndadaye

  • Indongozi za UPRONA zaraye zisubije agateka ni mukomere tura bashigikiye
    kandi abo mwise ibihemu n’ukubakura mumugambwe batarasubira kuwimba mumozi.

  • Ni agateka ku mugammbwe wa Rwagasore kuko ba mpema yuzuye batugezez ahantu;ariko ntimusye bwose kuko nubu umugambwz uri kubutegetsi àla grabde surprise ngo urubanza rwaciwe rutegerezwa gukurikizwa ataho vyakabaye.mbega Roysel ntaco yoba akimaze ko yari yarivumereye ati "Pas d’intéret;pas d’action"

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.