Accueil > Amakuru > Poritike > Umugambwe FNL wipfuza kwitaba amatora yose kandi wiyunze
 Umugambwe FNL wipfuza kwitaba amatora yose kandi wiyunze
 Umugambwe FNL wipfuza kwitaba amatora yose kandi wiyunze
				
				lundi 11 Munyonyo 2013
Abanamarimwe n’indongozi zatowe n’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe FNL ryabereye i Bujumbura ku magenekerezo ya 28 na 29 Munyonyo 2009 bamenyesha ko batewe amakenga n’inyifato ya Reta ku vyerekeye ishirwa mu ngiro ry’urupapuro rw’inzira rwumvikanyweko muri Ntwarante hagati ya Reta, abanyeporitike n’abandi bose bitaho ubuzima bw’igihugu. Ayo makenga akaba ahagaze ku ngorane ziri mu mugambwe FNL, hamwe n’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro.
Mu rwandiko abo banamarimwe n’izo ndongozi basohoye kuri uwu wa mbere, rugaterwako umukono na Rwasa Agathon avuga ko ariwe akiramutswa umugambwe FNL, bamenyesha ko bababazwa kandi biyamirije uruhara rwa Reta mw’icanamwo ry’imigambwe na FNL urimwo. Baranegura kandi n’ukuntu utwigoro tw’iyo migambwe two kwiyunga duheza tukanigirwa mu menshi. Ni naco gituma bamenyesha ko baheruka kwandikira abarongoye umugambi w’akarere ku mahoro y’Uburundi kugira basabe abo bahagarariye amasezerano atandukanye bave hasi bagire ico bakoze kugira indyane za poritike ziriho mu gihugu zitorerwe umuti.
Nk’uko urwo rwandiko rubimenyesha, bafashe iyo ngingo yo kwandikira n’abo barongoye umugambi w’akarere ku mahoro y’Uburundi kugira babamenyeshe ko bipfuza ko amatora yo mu mwaka w’2015 umugambwe FNL uzoyitaba yose, kandi bakaba bashaka kuzoyajamwo uwo mugambwe wariyunze ukava muvyo bamwe bita amashami.
Ku kibazo gihari c’ihindurwa ry’ibwirizwa shingiro, abo banamarimwe batowe mw’ikoraniro kaminuza ryo mu mwaka w’2009 bamenyesha ko ibivugwa ko ari impinyanyuro z’ingingo zimwe zimwe zigize ibwirizwa shingiro ari ikinyoma, kuko mu gusozera iyo nteguro bitomoye ko ibwirizwa shingiro ryahahora rizoca risubirirwa na rishasha.
Urwo rwandiko rwateweko umukono na Rwasa Agathon rusozera rusaba Reta y’Uburundi ko yoshira mu ngiro urupapuro rw’inzira rwumvikanyweko n’abanyeporitike, nk’uko umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza aheruka kuvyemerera abafata mu mugongo Uburundi mu nama yari yabakoranije i Bujumbura, mu mpera z’ukwezi kwa Gitugutu. Basaba kandi ko umugambi w’akarere ku mahoro y’Uburundi, n’abandi bose begwa n’ibibazo vya poritike y’Uburundi ko bovira hasi rimwe bakagondoza Reta ikareka kwigungirako ikibazo c’ibwirizwa shingiro rigira rihindurwe abo vyega bose batagishijwe inama.
Egide Nduwimana

Messages
11 Munyonyo 2013, 11:23, par ko
Hahahaha Rwasa we!! ntugire ubwoba niwe uzotwara
11 Munyonyo 2013, 11:41, par ndikumana
naho bimeze uko,ukuri kuzotsinda.twizere ko bizohera kandi ntamvura irwa idahita!
11 Munyonyo 2013, 11:51, par ladisirasi
Hahahaaaaaaa. Agathon we waronse umukenyezi?? byabisahiranda ntibyovuzeko aragatwe kawe
11 Munyonyo 2013, 19:53, par Paterne
TUZOMUTORA.... AZIRINDE kurwana gusa.
11 Munyonyo 2013, 19:54, par suzana
Uramenye ntuzohure nabyabyigeme, biyobya abanya POLITIKI? Urumushingantahe turakwemera, ntuzobe igikoresho
11 Munyonyo 2013, 21:54, par cndd
CNDD FDD oye!! uze ubazemo ,,,ntibabona
12 Munyonyo 2013, 09:10, par Richard
Mutama Rwasa Agtho ramba Imana ikuzigame erega niwe usigaye kwisezereno kandi turizeye ko Imana yabiteguye kandi izobikora nama nvuga ngo ntanvura igwa idahita
12 Munyonyo 2013, 09:34, par sinzobatinya
habaye umugabo yitwa bidadi yabira umugore amwita bidadi avyara umwana wambere amwita bidadi avyara uwakabiri amwita bidadi nyene umuhungu wagatatu agira amwite bidadi aranka yiyita ndabidadanure ubugabo burihabwa se aca aramwangaza none ndababaze mwebwe dusangiye ivyiyumviro nabo tudasangiye ivyiyumviro ariko twese turi abarundi natubwire umwuzo wa ndabidadanure ubugabo burihabwa nuwutazi inka arabona naho ziragirigwa
12 Munyonyo 2013, 09:50, par faustin bizimungu
Obama w’Uburundi bwacu natwe turi mumakungu turakwemera kushobora gutwara igihugu neza
12 Munyonyo 2013, 11:11, par JOSEPH
mbega yemwe uwutotora rwasa yotorande? Oboma wacu turi inyuma yawe ubu itera Bwobo ntirirokora twebwe nimurupfu turi kumwe ubu ivyo kwiba amatora CDD FDD Nimwihende ngo mukore ikosa kuko nabo mwishe buca mubaduha nayandi mube murarondera imva yo turobahambamwo mwese numukuru wigihugu ok. kuko baribabaje kupfa uzira utwawe kubera CDD FDD.
12 Munyonyo 2013, 11:15, par JOSEPH
mbega yemwe uwutotora rwasa yotorande? Oboma wacu turi inyuma yawe ubu itera Bwobo ntirirokora twebwe nimurupfu turi kumwe ubu ivyo kwiba amatora CDD FDD Nimwihende ngo mukore ikosa kuko nabo mwishe buca mubaduha nayandi mube murarondera imva yo turobahambamwo mwese numukuru wigihugu ok. kuko baribabaje kupfa uzira utwawe kubera CDD FDD.
12 Munyonyo 2013, 15:33, par uzatsindet
Agathon ! tukurinyuma uzotwala. byabisahiranda ubimenye??Imana yarakuzigamye .abanywanyi bumugabwe nabo ntibakuveho
12 Munyonyo 2013, 20:07, par miburo
tukulinyuma, Mushingantahe. uzokwinda ibyobikenyezi. bikuru bikuru, bitakuyobya, umenye urwaruka. biliya bikuru bikuru ntibiba bigitekereza neza, ntibuzoguhende
12 Munyonyo 2013, 23:39, par seven
komera Nyakubahwa Agathon Rwasa turakwemera kandi FNLnisangwe Intsinzi ya 2015,nitugire FNL!
14 Munyonyo 2013, 11:00, par ERIC MANIRAKIZA
niwibereho musaza,wirinde ubwoba nkuko wamy.abarundi ibiba turabibona.vive l’ADC
17 Munyonyo 2013, 11:43, par bugesera
oyaaa dushaka uwuteza imbere igihugu gusa ariko si dd twarahebuy
20 Munyonyo 2013, 07:46, par Mpawenayo augiste
Haaa birakomey ivyarivyovyose_INTSINZI YAMOSE.nyakwubahwa RWASA burategura IJAMBO.CDD NAYO yajugumiy.nibahumur ntanger kuyindi.