IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Umukinyi w’amareresi Hussein : "Ngiye gukosora cane uko nahora (...)

Umukinyi w’amareresi Hussein : "Ngiye gukosora cane uko nahora nkina"

mardi 30 Nyakanga 2014

Inyuma yaho abakinyi n’abanditsi b’amareresi bo mu Burundi bitabiye isabukuru y’amareresi yariko ibera i Arusha muri Tanzaniya, abakurikiranye inyigisho bamenyesha ko zabashitse ku nyota ko kandi bagiye kuzishira mu ngiro mu bikorwa vy’abo vy’amareresi.

JPEG - 49.5 ko
I buryo Kaneza Floriane, Ngabo Leonce, Lynda Brown na Butoyi Hussein

Inyuma y’ikiganiro n’abamenyeshamakuru, Butoyi Hussein umwe mu bitavye izo nyigisho avuga ko inyigisho baronse ari ngirakamaro, na kare ko zatanzwe n’abigisha mpuzamakungu b’amareresi. Mw’ido n’ido, Hussein yatubwiye ko bigishijwe zimwe mu nyifato bahora bagira bariko bakina, nko kumenya igihe co kuduza canke kumanura ijwi, kumenya gukinisha ibimenyetso eka n’ibindi bitari bite.

Izo nyigisho bazihuriyemwo n’abandi bakinyi bavuye mu bihugu vy’Ubuganda, Kenya, n’Urwanda, igihe hariko haba isabukuru y’amareresi muri Tanzaniya "Arusha African Film Festival". Nta tandukanirizo ry’ubuhinga ryibonekeje hagati y’abakinyi bavuye muri ivyo bihugu. Hussein ati : "Abo twahuriye mu nyigisho bose twaranganya ubumenyi kuko mu bibazo vy’intangamarara, twese twagira amakosa amwe". Bisigura ko Uburundi buri ku rugero rw’ibindi bihugu ku bijanye n’amareresi.

Tubamenyeshe ko Butoyi Hussein yaronkejwe agashimwe k’umukinyi w’akarorero ( Prix du meilleur acteur) kw’ireresi "Les Illusions". Ikindi n’uko yajanye n’abandi bakinyi nka Lynda Brown, Emy Emery na Kaneza Floriane arongoye uruganda rw’amareresi ITULIVE na Ngabo Leonce aserukira isabukuru ry’amareresi mu Burundi.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.