IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Umunsi mukuru mpuzamakungu w’umuziki uzokwugururwa n’amahiganwa (...)

Umunsi mukuru mpuzamakungu w’umuziki uzokwugururwa n’amahiganwa y’abaririmvyi

jeudi 24 Ndamukiza 2014

Umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe "umuziki"uriko uritegurirwa bidasanzwe aha mu Burundi. Ishirahamwe ry’abaririmvyi bo mu Burundi rifise ku rutonde rutarahera neza kwuzuzwa ibikorwa bitari bike, bizoranga uwo munsi isigaje ukwezi kurenga kugira ushike.

Ishirahamwe ry’abaririmvyi bo mu Burundi rifadikanije n’ikigo c’Abafaransa bariko bategura umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe "umuziki". Nk’uko Bruno Simbavimbere arongoye iryo shirahamwe abivuga, ni umunsi mukuru w’umuziki n’umuririmvyi. Abandanya ati:" Tumaze imyaka 3 duhimbaza uwo munsi, twaragiye mu ntara zo hagati mu gihugu, kugira abaririmvyi bariyo biyumve ko bari kumwe n’abandi bo mu bisagara, ariko uno mwaka tuzowuhimbariza i Bujumbura".

Uwo arongoye iryo shirahamwe atumenyeshako ukwezi kwa Rusama kuzorangwa n’ibikorwa vy’amahiganwa azohuza abaririmvyi bariko bafata ikibanza mu muziki. Ico gikorwa kizoshika mu kwezi kwa Ruheshi. Imbere y’uko igenekerezo rya 21 Ruheshi (umunsi mpuzamakungu waariwe umuziki)igera, hazoba hamaze kumenyekana abaririmvyi basumbije abandi amanota.

Umunsi mukuru uzohimbarizwa mu bibanza bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura, kandi bizoremesha n’abaririmvyi ishirahamwe riri kumwe n’ikigo c’abafaransa bazoba bashize ku rutonde.

Inyuma y’uwo munsi, hazotangwa ubushimwe kuri baba ririmvyi barusha abandi mw’ihiganwa. Aamkuru dukura mw’ishirahamwe no mu kigo c’Abafaransa, atumenyeshako aho bukera hazoba inama ya mbere yo gutegura ivyo birori, tuzobandanya tubashikiriza uko ibikorwa vy’uwo munsi mukuru bizoba biriko biragenda.


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.