Accueil > Amakuru > Poritike > UPRONA : Abadashigikiye Concilie Nibigira mu ntara zitandukanye (...)
 UPRONA : Abadashigikiye Concilie Nibigira mu ntara zitandukanye ntiborohewe
 UPRONA : Abadashigikiye Concilie Nibigira mu ntara zitandukanye ntiborohewe
				
				lundi 23 Ruheshi 2014
Fabiyano Banciryanino umukuru w’umugambwe w’Abadasigana UPRONA mu ntara ya Bubanza ari mu gasho, aho yagirizwa guhungabanya umutekano w’igihugu inyuma yaho afashwe afise ikinyamakuru IWACU vyoba vyabonekako amasanamu ya Concilie Nibigira na Edouard Nduwimana.
Amakuru ava aho mu ntara ya Bubanza, akavuga ko uwo mudasigana asanzwe ari nawe arongoye umugambwe wa Rwagasore muri iyo ntara, yafashwe inyuma yaho Concilie Nibigira ari kumwe na Gaston Sindimwo bose bari mu mugambwe UPRONA ishami ryemewe na Edouard Nduwimana umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, bagiriye urugendo muri iyo ntara ya Bubanza, bakagirisha inama y’uwo mugambwe uwuwurongoye atatumiwe ndetse bikavugwa ko bari banaciye bagena uwundi amusubirira, bitanakurikije amategeko.
Mwomenya ko indyane zimaze igihe mu mugambwe UPRONA, zimaze gutuma abadasigana batandukanye baza baratabwa muri yompi, bamwe bakagirizwa kugira ibitero ku rugo rwa Gaston Sindimwo, abandi ko bavuze ko urwaruka rw’ Imbonerakure za CNDD FDD zitunze ibirwanisho, mu gihe abandi batabwa muri yompi bagirizwa ibindi vyaha bitandukanye, ariko kenshi na kenshi ugasanga bifitaniye isano n’izo ndyane ziri mu mugambwe UPRONA.
Mu mugambwe UPRONA ishami rya Karori Nditije rero bakaba batera ivyatsi iyo ngendo yo gupfunga abadashigikiye Concilie Nibigira, inyuma yaho abo baporona bamwagirije kuba yagabiwe umugambwe wqabo n’umushikiranganji Edouard Nduwimana. Tasiyano Sibomana avugira urwo ruhande rwa UPRONA rutemewe n’ubutegetsi, akavuga ko abadasigana babo baza baraterwa ubwoba kugira abahawe umugambwe wabo bashobore gushika ku nyungu zabo, ariko ko kandi batazigera bavyemera, kuko ivyo bariko barakora kugira umugambwe wabo uve mu ngorane bikurikijwe amategeko.
Aristide Nizigire

Messages
23 Ruheshi 2014, 09:44, par marc
Kubita izontozo za Nditije zitarota uburundi butera imbere.uwutemera ubutegetsi buri muburundi narebe iyo aja kuko bwatowe nabanyagihugu .izo njavyi nizigende kumusozi .Mpimba nimba arinto nibavuge tuyagure babubikeyo ubwo bujavyi
23 Ruheshi 2014, 10:27, par Gihimbare
Marc, zugerageza muvyo uvuga ugashiramwo ubwenge canke uri muri babandi mwaronse ibibanza vyohejuru, mutazi nukwandika Rapport?? Badasigana muyoboka Charles Nditije, nimukomere kumuheto no kubohoza umugambwe wanyu mwarazwe na Rwagasore, kandi ntavura idahita. Ukwo bapfunga abantu nabo niko bazopfungwa igihe nicagera kandi sikera. Wait and see.
23 Ruheshi 2014, 12:13, par bosco
iyomihimbiri babatutsi barikurushi badashaka kubona KO muburundi harabagabo nibaje mukibira nimba badakeneye kwemera ubutegetsi.
23 Ruheshi 2014, 12:14, par Burihabwa
Ewe Marc ukwiye gusaba Marc mweranda ( son évangile ne contient que des miracles) ukagirigwa igitangaro kugira ururimi rwawe ruyage ibikuza abantu, ahandi hoho imvugo yawe igaragaza igihagararo n’intumbero bitabereye umurundi w’umutima.
23 Ruheshi 2014, 14:02, par kaburungu
@bosco,aho wewe uvugivyo urumugabo?!nihubwenge bwawe bugarukira,wuzuye ubujuju bwamacakubiri mbe abatwawe nabi nabatutsi gusa abamwirigwa murica nabatutsi gusa!?you are Idiot.ikibira naco..uze usengimana ntituje mukibira sibirya vyanyu..kandi rindira
23 Ruheshi 2014, 15:56, par nzirorera
iki kinyamakuru ni kirabe neza kuko abantu barimongoza mu kuvuga nabi. Aha mvuga abatanga commentaires. Wogira ngo ni abungere
23 Ruheshi 2014, 17:24, par Iyomihimbiri100%
@bosco @marc .uvuze ngo abatutsi baje mukibira ?mbega abahutu ubona bamerewe neza ???hewe rindira 2015 vyanka vyakunda nimuzo dutwara ndakurahiye
23 Ruheshi 2014, 17:27, par mukobwajana
ABONI ABA UPRONISTES CANKE IBI DD VYAJE GUCA ICUPA!!!!!
23 Ruheshi 2014, 17:48, par jean de Dieu
igipfamutima ngo ni Marc mbe urazi aho ugeze ?
23 Ruheshi 2014, 19:21, par TEKEREZA
Muzicwa nishavu,ivyo nivyaha mwakreye abarundi birimwo birabagaruka,muriko muricuza,harya amarira yabo mwahekuye azobakurikirana mpaka no kubuzukuru Banyu.
23 Ruheshi 2014, 20:58, par mukobwajana
CONCILIE MUR ZA CAFOB NA ABAFEBE SIKO TWARI TWAVUGANYE ..AHO KUBA IMBWA NOBA IMVA ,,,BIBWIRWA BENSHI BIKUMVA BENE VYO ..IBUKA ABANA BAWE HEWE ,,,WIBA UHETSE ,..IVYO BIBONERA KURE WIKURIKIZA BIZOKUNIGA HAGEZE MAMA YANGU
23 Ruheshi 2014, 20:58, par mukobwajana
CONCILIE MUR ZA CAFOB NA ABAFEBE SIKO TWARI TWAVUGANYE ..AHO KUBA IMBWA NOBA IMVA ,,,BIBWIRWA BENSHI BIKUMVA BENE VYO ..IBUKA ABANA BAWE HEWE ,,,WIBA UHETSE ,..IVYO BIBONERA KURE WIKURIKIZA BIZOKUNIGA HAGEZE MAMA YANGU
24 Ruheshi 2014, 07:46, par Gerard
Jewe ntakitangaza mbona kuko ivyo vyose n,ingaruka y,ukwihindukiza kw,ijambo.ibuke 2010 abo bashingantahe bisubiyeko mu matora bakaja muri leta bari bazi ko bahenze abandi.abantu barishwe icegera cabo ca mbere ntanakimwe yavuga.harya inkona yakubise mukeba uyirenza urugo.