IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Uturirimbo tw’Imana gusa nitwo turanga ko Noweri yabaye mu Gisagara ca (...)

Uturirimbo tw’Imana gusa nitwo turanga ko Noweri yabaye mu Gisagara ca Bujumbura

vendredi 27 Kigarama 2013

Mu myaka yaheze, imiduga yarakubita ikuzura mu mabarabara n’umuntu ntaronke aho ahonyora mu minsi ya Noweri eka n’iminsi ikurikira uyo munsi mukuru, mbere aho hanibonekeza amasanganya atari make. Muri kino gihe iminsi ibiri gusa inyuma ya Noweri ibintu siko vyifashe mu gisagara ca Bujumbura, abaguzi si benshi kuko bavuga ko bakenye, ata mahera bafise na rirya abenshi bavuga ko ubukene buhari bwokora inzara bugata.

Mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura, uruja n’uruza canke bimwe bita ‘’embouteillage’’ ntivyibonekeza cane muri ino minsi y’inyuma ya Noweri, ikiranga uwo munsi ko wabaye akaba ari uturirimbo tw’umunsi mukuru wa Noweri dusamirana aha na hariya, mu nyubakwa z’ubudandaji butandukanye bw’igisagara ca Bujumbura, aho baba bariko baramenyesha igabanywa ry’ibidabdazwa vyabo, baha ikaze abasumyi, naho ababashorera bataza nk’uko abadandaza babibwiye ikinyamakuru IGIHE.

Abanyagihugu twasanze impande y’isoko nkuru ya bujumbura, bo bavuga ko mu myaka yahera haba hari umunigano udasanzwe mu gihe c’iminsi mikuru. Imiryango itandukanye yaba yarondeye udufaranga two gusuma imfungurwa hamwe n’impuzu. Inyuma rero y’iyo minsi mikuru yo guheza umwaka, haba hari ubukene budasanzwe mu miryango, ariko ubu bikaba atariko bimeze, kuko ubukene bwabatanguye imbere y’iyo minsi mikuru irangiza umwaka w’2013.

Umukenyezi adandaza imboga n’ivyamwa avuga ko ibidandazwa vyababoreyeko kuko ata basumyi baronse benshi, mu gihe bobo bari baranguye vyinshi. Eka n’abo badandariza hamwe baridoga ko abasumyi baza gusa bakabaza ibiciro bagaca bigira badasumye. Abanyagihugu bamwe bamwe bakavuga ko igihe co gukora iminsi mikuru carangiye kuko ubukene bwugarije imiryango itari mike. Ikiri imbere kuri bo muri kino gihe, nI uko boheza umwaka neza gusa ata ndwara, guhimbaza nyakuri ku bwabo akaba ari ukuninahaza Umukama mu gisabisho.

Abadandaza rero bakaba barindiriye ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 31 Kigarama 2013 hamwe no ku wa gatatu igenekerezo rya 1 kigarama 2014, kugira barabe ko boshorerwa ivyo baranguriye iyo minsi mikuru, nk’uko bivugwa n’ umwe mu badandaza bo kw’ibarabara’’ avenue de la mission’’.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.