IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Abagize umurwi wa Sauti Sol bemeye gukora ibishoboka vyose kugira (...)

Abagize umurwi wa Sauti Sol bemeye gukora ibishoboka vyose kugira banezereze Abarundi

vendredi 22 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Sauti Sol bashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura mu masaha y’umuhingamo w’ejo, aho bakiriwe n’umudiho w’ingoma z’Uburundi. Bavuye ku kibuga c’indege bazunguruka igisagara ca Bujumbura aho habonetse abakunzi babo bamanitse n’ivyapa vyanditseko ko babakunda cane kandi bahawe ikaze mu Burundi. Mu kiganiro bagiranye n’abamenyeshamakuru bari kumwe na Big Fizzo na Natacha, hamwe na bamwe bari mu nteguro z’ibiteramo, umwe wese yarashikirije akajambo ku bijanye n’ibiteramo, eka n’uko bakiriwe.

Umurwi wa Sauti Sol ugizwe n’abagabo bane

1. Polycarp Otieno ati : "Tuzotanga ivyo dufise vyose kugira turyohere abakunzi bacu bo mu Burundi". Otieno bivugwa ko afise umugore w’umurundikazi.

2. Savara ati : "Twumvise indirimbo zacu zikunzwe cane mu Burundi, ikindi twaje kuratira ijisho imico n’imigenzo y’iki gihugu."’

3. Chimano ati : "Twashatse kuza mu Burundi kuva kera none aka kabaye akaryo keza, twashimye cane n’ukuntu twakiriwe."

4. Bien- Aimé Baraza nawe ati : "Twashimiye abamenyeshamakuru n’abafashije kugira dushobore gushika muri iki gihugu". Uwo Baraza niwe yazanye iciyumviro co gutanguza umurwi Sauti Sol.

Ku ruhande rw’abaririmvyi bazosangira igiteramo na Sauti Sol, Natacha ati : "Turaryohewe no kwakira bagenzacu, tuzokorana igikorwa gikomeye mu biteramo. Tuzobereka n’ubwiza bw’Uburundi tunabazimane umukeke."

Fizzo nawe ati : "Turahaye ikaze aba bavukanyi bacu. Murabona n’uko dusa twese atawoshobora kudutandukanya. Eka si ivyo gusa kuko turi bamwana."

Tubibutse ko Sauti Sol canke "Ijwi ry’izuba" ari umurwi wo muri Kenya, abawugize bakaba baje mu biteramo kimwe kibera kuri Tempête kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 22 Nyakanga, hamwe n’ikindi kizoba aho bukera kuri Zion Beach.


Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.