IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Igiteramo co kuryoherwa no gufasha kuri Star Hotel

Igiteramo co kuryoherwa no gufasha kuri Star Hotel

samedi 1er Ntwarante 2014

Ibiteramo vyo gukugarukira abacitse kw’icumu muri ya segenya, biciye mu biteramo birabandanya. Ishirahamwe Youth Black Shine Princess ryarateguye igiteramo aho amahera avamwo afasha mu guterera agacumu k’ubumwe ku basigaye. Bamwe mu baririmvyi bazwi kandi bakunzwe barateramisha abitaba ico giteramo.

Nk’uko biherutse kugirwa n’imvukira zo mu karere k’uburaruko bw’igisagara ca Bujumbura, mu giteramo cabereye kuri Musée Vivant, n’abandi bariko bategura guterera biciye mu giteramo. Igiteramo TWESE HAMWE CHARITY NIGHT categuwe n’ishirahamwe Youth Black Shine Princess gihuriramwo abaririmvyi benshi bamaze kumenyekana cane mu muziki w’i Burundi. Uwitaba ico giteramo, iruhande y’intererano yiwe araronka umwanya ukwiye wo kwibonera b’abaririmvyi bakunzwe.

Iryo shirahamwe riri kumwe na wa mutwenza biteramo Kigingi na Martial, bamwe bazobereye mu vy’inyambaro Agence Esther, Dj Prince n’Agati k’Imana barabica bicike uno munsi wa gatandatu. Si abo gusa, abaririmvyi Sat-b, Mkombozi, Frank G80, Emery Sun, R Flo na Samantha barikora mu gahogo aho ku muhingamo.

Muraryoherwa kandi muriko muranafasha. Abo bose, eka n’ivyo vyose, ni kuri uno munsi w’igenekerezo rya 01 Ntwarante. Igiteramo gitangura isaha cumi na zibiri z’umugoroba (18h00) muri Star Hotel, kwinjira ni amafaranga y’amarundi 5000 atarenga ntarenguke.


Chérif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.