IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Best Life Music: Umurwi watowe ku rwego mpuzamakungu

Best Life Music: Umurwi watowe ku rwego mpuzamakungu

dimanche 23 Mukakaro 2017, par Jean de Dieu M.

Ku ncuro ya kane, AFRIMMA yasohoye urutonde rw’imice itandukanye y’abaririmvyi n’abahinyanyuzi bagiye kuzohabwa ubushimwe. Mu Burundi hatowe umurwi Best Life Music mu gisata c’Abaririmvyi bari mu mirwi. Imbere ya Best Life Music haza Sauti Saul(Kenya), Weasel & Radio(Uganda), Toofan(Togo), Bracket(Nigeria), Mi Casa(Suth Africa), R2bee’s(Ghana). Inyuma ya Best Life Music, haza imirwi ya Moto Band( Tanzania) hamwe na Forca Supreme(Angola).

JPEG - 54.3 ko
Umurwi Best life Music wagize amahigwe yo gutorwa

Twobamenyeshako umurwi Best Life Music uronse uburenganzira bwo kuzokwitabira igiteramo co gutanga ubushimwe kizoba kw’igenekerezo rya 08 Gitugutu kizobera i Dallas muri Reta Zunze Ubumwe za America. Ikindi twobamenyesha n’uko ari ubwa mbere hatorwa abaserukira Uburundi muri iryo higanwa, kuva ritanguye mu mwaka w’i 2014.


Cherif NKESHIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.