IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Defile de mode > Miss Ange Bernice Ingabire ari mw’ihiganwa muri Afrika y’epfo asaba (...)

Miss Ange Bernice Ingabire ari mw’ihiganwa muri Afrika y’epfo asaba amajwi

vendredi 25 Myandagaro 2017

Amakuru dukura ku kinyamakuru vantle.net, yerekana ko hariko hahiganwa aba Miss mirongo ibiri na babiri (22) bava mu bihugu bitandukanye vyo muri Afrika. Mu karere ka Africa y’Ubuseruko, hitavye Uburundi na Uganda gusa. Iryo higanwa rya Miss Africa rifise icivugo gikurikira : "Kwishimira Afrika, umugambi wo gusubiza icizere mu kugwanya ubukene n’ivyiyumviro vyo gukumirana bifatiye ku rukoba mu bumwe bwa Afrika".

JPEG - 98.1 ko
Miss Ange Bernice Ingabire

Muri iryo higanwa, Uburundi bwaserukiwe na Miss Ingabire Ange Bernice yatowe mu mwaka w’i 2016. Ange Bernice asaba uwo wese akunda Uburundi n’Abarundi kumuhunda amajwi. Aratera akamo urwaruka gushigikirana, mu gihe urwaruka rw’Uburundi ruba ruriko ruhiganwa mu makungu.

Uwipfuza gutora yandika http://vantle.net/pageants/61, aca abona urutonde rw’aba Miss bariko barahiganwa. Naho biri uko, gutora bisaba amafaranga atangwa n’uwutoye. Ijwi rimwe rigurwa ama Dorari 0,25 (0,25$), amajwi ane nayo agurwa idorare rimwe, amajwi 45 agurwa amadorare 10, nayo amajwi 2,775 akagurwa amadorare amajana atanu (500$).

Ihiganwa rya "Miss Africa Continent" ririko ribera mu gisagara ca Johanesburg muri Afrika y’epfo, rikaba risigaje iminsi umunani kugira rihere. Aho rigeze, aba Miss batanu bari imbere mu majwi baramaze kuboneka. Abo nabo ni Miss Liberia, Miss Siera Leone, Miss Zambia, Miss Guinee Conakry, hamwe na Miss Sud Africa.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.