IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Defile de mode > Miss Burundi 2018 : Abakobwa 18 baserukira intara batanguye (...)

Miss Burundi 2018 : Abakobwa 18 baserukira intara batanguye gutorwa

lundi 30 avril 2018

Abigeme 41 baserukiye intara 13 zigize igihugu nibo bitavye ico gikorwa co gucagura abigeme 18 bazoserukira intara zigize igihugu, cabereye mw’ihoteri Malta Hotel iri mu gisagara ca Bujumbura.

Igikorwa co gutora abakobwa 18 catangurwa no kuraba ko bakwije ibisabwa nk’uko vyari vyanditswe mw’itangazo ryabatumako, muri ivyo bakaba babapima uburebure n’uburemere bwabo.

Andre HAKIZIMANA amenyesha ko intara zitanu arizo zitaserukiwe, izo nazo akaba ari Muyinga, Kirundo, Cibitoke, Ruyigi na Cankuzo, ahanini bakibaza ko ari uko izo ntara zitegereye igisagara, ariko abigeme baho nabo bakaba babwiye umurwi utegura ihiganwa Miss Burundi 2018, ko batinya abigeme bo mu gisagara ca Bujumbura.

Naho biri ukwo, Andre HAKIZIMANA arasigura ubuhinga buca bukoreshwa kuri izo ntara ziba zitaronse abaziserukira, kugira ntihagire intara iserukirwa, mbere bikaba ari navyo vyabaye no mw’ihiganwa ry’umwaka wa 2017.

Ati : « Tumaze kubona ko hari intara idaserukiwe, duca dutora mu bakobwa baba baserukiye izindi ntara ariko bafise amanota menshi, tugatora umwe aserukira intara iba idafise uwuyiserukira. Ivyo ni mu ntumbero yo kugira turonke abigeme 18 baserukira intara zose. »

Andre HAKIZIMANA avuga ko mu gutora umwigeme aserukira intara bisunga uko yatanze umwidondoro wiwe, akerekana umugambi yokora mu gihe yotorwa, ingene atambuka imbere y’abantu, n’ingene yishura ibibazo bimuraba wenyene.

Umurwi utora abo bigeme ukaba ugizwe n’uwuraba ingene ibintu vyerekanwa, uwufata amasanamu, uwambika abantu, umugenduza w’ihiganwa Miss Burundi, hamwe n’uwusiga abantu.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.