IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Defile de mode > Umunyamideri Hakim NKENGURUTSE ahamagarira urwaruka kwitaho ico (...)

Umunyamideri Hakim NKENGURUTSE ahamagarira urwaruka kwitaho ico gisata

samedi 6 janvier 2018

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, Hakim NKENGURUTSE amenyesha ko igikorwa co kwerekana ivyambarwa yabitanguye igihe yaja kuramutsa muvyarawe aba mu gihugu ca Afrika y’Epfo mu gisagara ca Johannesbourg.

Hakim NKENGURUTSE avuga ko aho i Johannesbourg yaharaonse umugenzi asanzwe akora muvyo kwerekana imideri akaba ari nawe yahavuye abimwinjizamwo gushika ku rugero ariko uno munsi.

Hakim NKENGURUTSE agasigura ariko ko ari urugendo, kuko haba mu bagenzi canke mu muryango batashotse babona akamaro k’ivyo yinjiyemwo, naho kubw’iwe wewe yabona ko ari ibikorwa nk’ibindi.

« Mu ntango, baba abo mu muryango wanje canke abagenzi banje, ntibatahura ivyo ninjiyemwo ;ariko mu nyuma, n’umuvyeyi wanje yahavuye atahura ko ivyo nagiyemwo bifise akamaro, amaze kubona amashusho yanje amanitse ku vyapa. Vyaramuryoheye cane. »

Hakim NKENGURUTSE asigura ko hari abantu bibaza ko ivyo kwerekana imideri ari igikorwa c’abakobwa gusa, ariko akavuga ko ari ukwihenda,kuko abakobwa batohava bashobora kwerekana imideri y’abahungu.

Naho hari vyinshi amaze gukora mu bijanye no kwerekana imideri, Hakim NKENGURUTSE arategekanya kandi urugendo mu gisagara ca Paris mu Bufaransa na Bruxelles mu Bubirigi, mu bikorwa vyo kwerekana imideri.

Hakim NKENGURUTSE akaba kandi yizeye ko mu mwaka uza wa 2019, ashobora kuba mu gikorwa nkico kizoba catunganijwe mu Burundi. y’imideri


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.