IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Amerika:Umukobwa wa Whitney Houston yavuye muri coma amazemwo amezi (...)

Amerika:Umukobwa wa Whitney Houston yavuye muri coma amazemwo amezi 3

lundi 20 Ndamukiza 2015

Bobbi Kristina yatowe yasomye nuri mu bwongero bwiwe mu mpera z’ukwezi kwa Nzero, yavuye muri coma nk’uko vyashikirijwe n’umuvyeyi wiwe, Bobby Brown.

Bobby Brown, umuvyeyi wa Bobbi Kristina yamenyesheje ko umukobwa wiwe yavuye muri coma nyuma y’amezi atatu ari indembe.Bobby Brown asanzwe ari umuririmvyi mu mudiho wa R&B, yatanze ayo makuru mu gihe yariko akora igiteramo mu gisagara ca Dallas mbere yongera avuga ko Bobbi ariko aramukurikirana ku mboneshakure.

Tubibutse ko Bobbi Kristina afise imyaka y’amavuko 21 yatowe mu bwongero bwiwe kw’igenekerezo rya 31 Nzero uyu mwaka, yasomye nuri kandi atagihema mu nyuma ajanwa mu bitaro mu gisagara ca Georgie.Ubwo niho abaganga bamushira muri coma mbere bamushiramwo n’ivyuma bimufasha guhema.

Amagara yiwe ntiyagiye aramera neza, mbere n’abaganga baremeza ko atacizere co kubaho Bobbi afise ahubwo ko bomucomora ivyuma bimufasha guhema.Ivyo se wiwe ntavyo yakoze, wewe yagumanye icizere ko umukobwa wiwe azovyuka.

Mwomenya ko nyuma y’amatohoza y’igipolisi basanze ibiyayuramutwe mu nzu ya Bobbi, vyongeye bakibaza ko arivyo vyatumye haba iryo sanganya n’ubwo umuryango wiwe uhakana, bakavuga ko uwo mukobwa yahevye kunywa ibiyayuramutwe.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.