Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Amerika: Umusore wa mbere avuwe ingorane atewe n’ubunini bw’inzanyi (...)
 Amerika: Umusore wa mbere avuwe ingorane atewe n’ubunini bw’inzanyi yiwe
 Amerika: Umusore wa mbere avuwe ingorane atewe n’ubunini bw’inzanyi yiwe
				
				mercredi 18 Ruhuhuma 2015
Muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika neza na neza mu ntara ya Florida abahinga mu buvuzi baraye bavuye umusore yari afise ingorane zidasanzwe kubera ubunini bw’igihimba ciwe c’irondoka. Kugabanya ubunini bw’ico gihimba c’irondoka ntivyaboroheye abaganga kuko bwari ubwa mbere kw’isi bavura iyo ndwara.
 
- Igicapo ca Priape ikimana c’Ubugiriki c’irondoka
Umusore w’imyaka 17 aba mu ntara ya Florida iri mu bumanuko bushira uburengero bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yagize ingorane z’ubunini bw’igitsina gabo ciwe. Igitsina ciwe capima uburerebure bwa centimetero 18, n’ubunini bungana centimetero 25 (18 centimètres de long pour 25 de circonférence). Ico gitsina cari gifise ivyo bipimo kidakabuye (pas en erection). Ingorane zari nyisnhi kuri uwo musore kuko ntiyashobora kurangura amabanga mpuzabitsina naho atari bwagere, ntiyashobora kwambara impuzu yorohewe, ntiyashobora no kugira imyemenyerezo yo kwinonora imitsi, ari nakwo kwitura abaganga.
Uwo musore amaze kwitura abaganga bo mu gisata kijejwe ibijanye n’indwara z’amafyigo n’isohoka ry’umwanda muto "Urologie" bo muri Kaminuza y’ubuganga i Floride, yashitse ababwira ati : "Mwoshobora kugabanya ubunini bw’igitsina canje?". Muganga abaga (Le chirurgien) Rafael Carrion yakiriye uwo musore yamaze umwanya utari muto ariko yiyumvira inyishu aha uwo musore kuko we yaramenyereye abasore canke abagabo bamwitura kugira abafashe kwongereza ubunini n’uburebure bw’inzanyi zabo.
Uwo musore yoba yagize ingorane nki?
Muganga Rafael Carrion ati :" Uyu musore yagize ikibazo co gukura kw’inzanyi yiwe, ariko iruhande y’ico, uwo musore yamaze umwanya munini inzanyi yiwe ikabuye aca afatwa n’indwara bita "priapisme" (érections longues incontrôlées et douloureuses).
Abarundi bati : "Ibuye riserutse ntiryica isuka". Uwo muganga yaciye akorana n’abandi bo muri kaminuza maze baca bamuvura nk’uko basanzwe bavura izi ndwara nka "Peyronie" ituma inzanyi ivyimba bakayivura bakoreshe uburyo bita "corporoplastie". Inyuma y’iminsi ibiri asinzirijwe mu bitaro yaciye ataha iwabo yakize neza kandi ntagorane azosubira kugira zijanye n’ukuvyimba kw’igitsina bivuye kuri "erection"
Mwumve ko iyo inzanyi imaze umwanya munini ikabuye ishobora kuzana ingorane zikomeye cane ku magara yanyu.
Cherif Nkeshimana

Messages
18 Ruhuhuma 2015, 18:45, par mwaro
Naho nakagendeyeeeeee muga sha uwo niwe yobahasha abigira ko bazikomereye .............mbona ari kugikoresho mama yangu azokintize abantu ntavuze ico bibonera ....nohera kuri Rudolphe cndd inyuma
19 Ruhuhuma 2015, 11:57, par Nwari
@mwaro urantwegeje nubu numye haaaa wohera kuri adolphe haaaaa ivyo nivyo ,hanyuma ugakwirikiza nde??haaaaa kombona inkozi zikibi arinyishi ??iguvu zohava ziguherana atarabamara uranyishe
19 Ruhuhuma 2015, 16:51, par FNL YA Gwasa
we mwaro reka gutwenza abantu! Buryo rudoloph wa cncdd wojako nyene ukagra wohava umuturitsa umuhendehende! Ahubwo ndaguy ndagaruts nabokumenwa iyo mihende hende bakabura aho bicarira.
21 Myandagaro 2016, 20:41, par Obed
Emwe Urazi Amanyama Yabakobwa Yarahera Uwo Vyahura