IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Hong-Kong : Umugabo yagirijwe icaha co guteka abavyeyi biwe

Hong-Kong : Umugabo yagirijwe icaha co guteka abavyeyi biwe

mardi 24 Ntwarante 2015

Umugabo aturuka mu gisagara ca Hong-Kong yaciriwe umunyororo wo guherayo yagirizwa kwica abavyeyi biwe, abanje kubakata ibihimba vyabo mu duce duce imbere yo kubateka.

Henry Chau afise imyaka 31 yaremanze imbere ya sentare mpanavyaha ko yishe abavyeyi biwe n’ukuntu yabishe. Henry Chau avuga ko yabanje gukata ibihimba vyabo mu duce dutoduto nka kurya bakata inyama imbere yo kubateka, mu nyuma araheza atekera inyama z’abavyeyi biwe mu dukopo batekeramwo imfungurwa mbere aranashiramwo n’umuceri muri utwo dukopo.

Imitwe y’abavyeyi ba Henry Chau, umugabo Chau Wing-ki w’imyaka 65 hamwe na Siu Yuet-yee w’imyaka 62, yatowe mu kibanza bakanyishamwo ibintu (Refrigerateur) haheze iminsi myinshi baratakaye mu gihe umuhungu wabo yavuga ko bagiye mu rugendo mu gihugu ca Chine imbere yo kwemanga icaha yakoze kuri telefone ngendanwa abicishije ku butumwa. Ibindi bisigarira vyabo vyatowe mw’iyarara, hamwe n’ibikopo babikamwo imfungurwa.

Ku ruhande rwa Henry Chau, ariyemerera ko ari umurwayi wo mu mutwe (psychopathe) mbere akavuga ko adashobora gutahura ububabare bw’uwundi muntu kubera ubuzima yabayemwo mu gihe yari akiri umwana mbere ageze no mu myaka y’imiyabaga.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.