IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Igihe co kumenya imigisha umuntu afise kigeze arabimenya

Igihe co kumenya imigisha umuntu afise kigeze arabimenya

mercredi 6 Munyonyo 2013

Aho yitaba ubwa mbere mw’ihiganwa”Primusic” ryateguwe rigashirwa mu ngiro n’ishirahamwe Brarudi, J. Marie Christian Ninteretse yasa n’uwutabona ikimujanyeyo, hari mu mahiganwa yo mu mwaka wa 2012.

Avuga ko atabona ica mujanyeyo kuko yahamagawe n’umugenzi wiwe. Ica mutangaje ico gihe, ni ukwo yashoboye gushika mu gice c’umunani c’amahiganwa, aho rero yahakuye icirwa. Kubona yabimenyeshejwe n’uwundi muntu, vyamweretse ko hariho abazi ko afise ingabirano yo kuririmba, naho wewe yasa n’uwutayibona. Mu mahiganwa nk’ayo yabaye uno mwaka w’2013, yarashoboye kuronka ikibanza ca gatatu, kandi naho nyene ntiyari yiteguye bikwiye, akarorero n’ukwo ata ndirimbo yiwe yatwayeyo.

Igihe co kumenya imigisha umuntu afise cageze arabimenya. Ninteretse J. M Christian, arumva ko kuririmba biriko biramubiramwo. Uyu asanzwe aririmba mw’isengero y’ Abakatorika Saint Dominic, yemeza ko yumva umuhamagaro wo kuririmba muri we. Christian arafise indirimbo imwe yaririmvye ari kumwe na Diane na Augusta, ku munsi mukuru wahariwe umwana w’umunyafrica yise “Est-ce ma place”, aho yavuga mu gishingo c’abana bapfungwa canke bavukira mu mabohero, akaririmba yibaza ko ico kibanza kibereye umwana. Arumvikana no mu citabirizo c’indirimbo “Umusilikare” y’umurwi “Agati k’Imana”.

Mu kurangiza yemeza ko agiye gukora umuziki bishimishije kandi ahereye mw’isengero, ashimira kandi umurwi Peace and love, Kidumu na Jazon Maraz ko yakoresheje indirimbo zabo zikaba zamukanguriye imigisha, abo bakaba batidoze, ahubwo nka Peace and Love barashimye ingene yasubiyemwo indirimbo yabo.

Uwo rero araje ku kibuga c’abaririmvyi bo mu Burundi, eka no kw’isi yose, yiga mu mwaka wa mbere muri kaminuza “Universite Lumiere de Bujumbura” mu gisata co gutunganya ivyo guhanahana amakuru “Genie et Gestion des Télécommunications.


Chérif NKeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.