IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Gospel > Urukurikirane «Tukumenye» rw’umurwi Singiza rwashizwe ahabona

Urukurikirane «Tukumenye» rw’umurwi Singiza rwashizwe ahabona

lundi 4 Munyonyo 2013

Umurwi Singiza wo mu gihugu c’Urwanda warakoze igiteramo co guhimbaza no gutazira Imana mu rukurikirane rw’indirimbo «Tukumenye». Hari kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 03 Munyonyo 2013.

Igiteramo cari gifise intumbero yo kwamamaza intsinzi ya Yezu aho yatsinze urupfu. Ivyo vyakorwa biciye mu butumwa buri mu ndirimbo zitandukanye ziri mu rukurikirane rw’indirimbo «Tukumenye» rufise indirimbo 14, mu masengesho no gushinga intahe. Igiteramo nk’ico carabaye mu Rwanda igenekerezo rya 15 Ntwarante 2013.

Yvette Iradukunda, n’umwe mu bateguye kwakira uwo murwi, amenyesha ko « Singiza » yahisemwo gukorera ico giteramo mu Burundi kuko hari Abarundi batari bake bahoze muri « Singiza », kandi ko ari akaryo keza ko gukwiragiza ubutumwa bwiza buri mu ndirimbo ziri muri « Tukumenye ». Twashatse kumenya igituma batarihishije kwinjira, araheza yihura ko umuntu wese, ukwo ari kwose akeneye kwumva ubutumwa bwiza atabanje kugura.

Ngabirano Evrard yahoze yiga muri Kaminuza nkuru y’Urwanda i Butare amenyesha ko kugira umuntu yinjire muri uyo murwi ategerezwa kuba yarize kuri iyo Kaminuza y’i Butare. Kuba uwo murwi wakira abize kuri iyo Kaminuza, bisa n’ugukumira abandi boba bavyipfuza, yishura ko bagiye kuraba ukuntu bokwugurura imiryango kubavyipfuza bose. Abandanya yigana ko bafise ku rutonde rw’ahantu henshi bazoja kugirisha ibiteramo nk’ivyo. Akarorero n’igiteramo kizobera i Kigali kw’igenekerezo rya 10 Munyonyo 2013, mu nyuma bashobora n’ukuja i Kampala mu Buganda.

Ariko rero naho ico giteramo cagenze neza, umwe mu bahanuzi b’umukuru w’igisagara ca Bujumbura akaba yatumenyesheje ko ataruhusha bari basavye.


Chérif NKeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.