Accueil > Kwidagadura > Umugwi > Igikorwa co kugenzura ama komine ni nkenerwa
 Igikorwa co kugenzura ama komine ni nkenerwa
 Igikorwa co kugenzura ama komine ni nkenerwa
				
				jeudi 5 Kigarama 2013
Gusuzuma aho ibikorwa vy’ama komine bigeze n’umugenzo ufise intumbero yo guteza imbere intwaro ibereye no gutunganya ama komine. N’igikorwa rero cama gikorwa buri mwaka, ufatiye ku bintu bimwe biboneka kandi biharurika (Mesurable et quantifiable)
Umushikiranganji w’iterambere ry’ama komine yarashikirije urugero, ibikorwa vyagenze neza mu ma komine mu mwaka wa 2012. Vyashikirijwe na Yohani Mariya Ntihirageza, umuyobozi mukuru w’umugambi wo kwegereza no gutunganya ibikorwa mw’iterambere ryo mu ma komine, mu gikorwa co kuraba ingene ibikorwa vyagenze. Basanze ivyerekeye gutwara mu ma komine vyarateye imbere hamwe n’itunganywa ry’ibikorwa vya Reta.
Ico gikorwa co guzuma amakomine, gituma iyo hageze ca gihe ca buri mwaka gutondeka ama komine yateye imbere kurusha ayandi bitagorana. Akenshi rero, kugira barabe ko ikomine yateye imbere, barabira na cane cane mu bisata 3, arivyo intwaro ibereye, iterambere ridakumirana haba ku gitsina hamwe hamwe no mu mibano. Bituma rero ikomine yose ishobora kubona ingorane ifise, hama ikaboneraho gutororokanya vyankenerwa hamwe no gutegura imigambi itomoye.
Floxella Karire
