IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Inzoga itanga ubwiza ku bayinyoye yakozwe mu Buyapani

Inzoga itanga ubwiza ku bayinyoye yakozwe mu Buyapani

lundi 20 Ndamukiza 2015

Ishirahamwe rikomeye Suntory ryo mu Buyapani ryakoze inzoga igiye gufasha abantu bayinyoye kugira ubwiza hamwe no kudasaza.

Ishirahamwe rikomakomeye ryo mu Buyapani ryakoze inzoga irimwo icunyunyu citwa collegene gikorwa n’umubiri wacu, kigafasha umubiri wacu guhwahuka (souple) kandi udasaza, umuntu akaguma asa neza. Ico cunyunyu kigenda kiragabanuka uko imyaka iba myinshi, ari naho umuntu atangura kuzana iminkanyari ku mubiri. Iyo nzoga yitwa "Precious"umuntu ayinyoye aca agira umubiri mwiza kandi udasaza nk’uko bivugwa n’iryo shirahamwe.

Ico kinyobwa kikaba kirimwo ibice 5 kw’ijana vy’inzoga (5%d’alcool) n’amagarama 2 y’icunyunyu collagene, ivyo bigatuma uko umuntu ayinyoye umubiri wiwe ukweguka, hanyuma bikazana kudasaza.

N’ubwo iyo nzoga vyemezwa n’iryo shirahamwe ko ituma abantu bayinyoye badasaza, ntacigwa kirakorwa n’abashashakatsi kugira cemeze ivy’iryo shirahamwe ryakoze.

Mwomenya ko isanamu ihayanisha ico kinyobwa yamaze kuja ahabona n’ubwo bataratangura kuyidandaza ahandi, mugabo iyo nzoga ikaboneka mu karere ka Hokkaïdo gusa.


Lorene Nubwabo

Messages

  • Voila que scientistes eprouvent des choses pareille!kuki muri Africa atawushobora gukora ibisa bityo kandi twumva ngo hari za kaminuza!

  • Asha nihatari isi iri mwo vyinshi

  • Abanyafrica ntituzomenya n’ibitwica none aho ntusanga izo collagènes bazikuye mu bantu,hanyuma haheze imyaka tuzoze twumva ngo habonetse ingwara iva muri ivyo biyeri inganda zatikiye kumwe kwa vya bi ballons bashira mu mabere y’abagore ngo bagire igikiriza ciza mu nyuma ngo cancer ngizo,emwe burya ,i wacu muri africa dufise duke twiza,twitondere ivyokurya biva mu mahanga huzuyemwo ama produits umubiri wacu udashobora guhingura ngo wongere ubite hanze8biba bisa neza ariko burya ivyacu nivyo vyiza!

  • Isi igenda ihindu ukobuca sikobwira ariko ijanbo ry’Imana riravuga ko mumisi yiherezo ubwenge buzogwira, none ko Imana yaturemye kandi tukagera aho dusaza none iryoshirahamwe rigiye kubuza abantu gusaza? abantu bazoguma ari imiyabaga gusa? ntabatama nta batamakazi bazongera kubaho mwisi? uwobishobora yompa inyishu zivyo bibazo

  • Aho hoho tugiy kuba aba jeunes twes nimba itazoba ifis igiciro kivuna canke ingaruka mbi

  • Iciza nuko hagera aho dupfa!Nukurondera izizotuma umuntu adapfa!!

  • @biki et!
    Ewe nvyo babesha ntibishoboka,abazungu barajwe ishinga na jeunesse eternelle ariko vyarabananiye,abatama n’abatamakazi bazokwamaho,ubu ikintu cose bagomba kugirira publicité bashiramwo ko kigarukana jeunesse aho aba clients barisuka,aho wosanga ari n’ububeshi ivyo bavuga ata ni birimwo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.