Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Kenya: Umushingwamanza yitwariye igihugu ca Israel kw’iyicwa rya (...)
 Kenya: Umushingwamanza yitwariye igihugu ca Israel kw’iyicwa rya YEZU
 Kenya: Umushingwamanza yitwariye igihugu ca Israel kw’iyicwa rya YEZU
				
				jeudi 12 Ntwarante 2015
Umushingwamanza wo mu gihugu ca Kenya yashikanye urubanza muri sentare mpuzamakungu y’i La Haye, yitwarira igihugu ca Israeli ku ruhara cagize mw’iyicwa rya Yezu.
 
- Dola Indidis
Dola Indidis yahoze ari umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubutungane bwo muri Kenya, yitwaye kubera urubanza no kubambwa kwa Yezu, vyarenze amategeko. Ivyo rero abonamwo uruhara rw’igihugu ca Israeli. Yitwariye umu" empereur"w’i Roma yitwa Tibère yatwaye mu mwaka wa 42, imbere y’ivuka rya Yezu, yitwariye kandi Ponsiyo Pirate, abayahudi benshi, umwami Herodi yatwara igihe Yezu yavuka, hamwe na Republika y’Ubutaliyano na Reta ya Israeli.
Dola Indidis abwira ikinyamakuru Kenyan Citizen News ati:"Ivyemeza biriho ubu kuko vyanditswe muri Bibiliya, kandi ntimushobora kutizera ivyanditswe muri Bibiliya".
Naho abo yitwariye bari guciribwa urubanza, ico gihe nyene kandi hakaba haheze imyaka ishika 2000 bapfuye, Dola Indidis abona ko bica bibazwa Reta bakorera. Avuga ati:" Naratanze urubanza kubera ari uburenganzira bwanje bwo kurwanira agateka ka Yezu, kandi nagiye muri Sentare mpuzamakungu y’ubutungane kugira uwo muntu w’i Nazareth arenganurwe". Abandanya avuga ko urubanza rwaciriwe Yezu ko rwasobanuye kandi rwarimwo igiturire, hanyuma rwahonyanze agateka ka zina muntu kubera ubwo butungane bwahengamye, bufatiye ku miryango no kwagiriza ibintu ataho bifatiye.
Umushingwamanza Dola Indidis yitwariye ibihugu vya Israel n’Ubutaliyano. Yiyamiriza uko Yezu yabajijwe igihe c’urubanza, uko yagirijwe, ukwumvirizwa, kumucira igihano, ubwoko bw’igihano yahanishijwe kandi yariko akorwako amatohoza n’ubutungane hamwe n’amakuru yatuma aciribwa urubanza.
Amakuru atangwa n’ikinyamakuru:http:www.europe-israel.org
Cherif Nkeshimana

Messages
12 Ntwarante 2015, 16:04, par habonimana
n’ukuri uruphu rwa Yezu ruve inyuma kuko ntigwari urusanzwe. ugira ukurikirane abantu bababariwe na Yezu nyene ataracikana?????
16 Ntwarante 2015, 11:22, par j luc
Umuhero urihafi pe. uwomugabo aborewe amahera ya kenya none agiye muvyi Mana?? eee attention mon ami gezaho.