IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Koffi Olomide yahagaritswe, yitazira "Ebola"

Koffi Olomide yahagaritswe, yitazira "Ebola"

mercredi 22 Gitugutu 2014

Umuririmvyi mpuzamakungu Koffi Olomide yahgaritswe n’ubutungane bwo mu gihugu ciwe kubera impapuro ntangagiteramo zanditseko "Le Vieux Ebola". Umukuru w’igiporisi ajejwe gutanga amakuru avuga ko ari akamaramaza kwiyitirira indwara ruhonyanganda nka Ebola, indwara amakungu yose yaviriye hasi.

Kuri uwo wa kabiri igenekerezo rya 21 Gitugutu, Koffi Olomide yarahagaritswe i Kinshasa kubera impapuro zitangaza igiteramo ciwe zikwiragiye irya n’ino zanditse ko igiteramo ca "Vieux Ebola" bisigura "Ebola ya igeze mu zabukuru". Ni ko guhagarikwa n’umukuru mu giporisi ajejwe kurondera no kutanga amakuru. Colonel Pierrot Mwana-Mputu ati:" Turiko tumubaza igituma yiyitirira ikiza nka Ebola camaze inganda kandi amakungu yaviriye hasi.

Koffi Olomide wewe abona ko ari kumurenganya, ati:"Bariko bafata jewe kuki batofata abarintaziriye". Iyo Ebola yitazira bivugwa ko imaze kwica abantu bangana 4500 muri Burengero bwa Afrika n’abagera kuri 49 aho nyene muri Congo.

Si ubwa mbere uwo muririmvyi yitazira amazina, yigeze kwiyita "Sarkozy" aho hari kuntwaro ya Nicolas Sarkozy, yongera kandi yitazira Benoît XVI, izina ry’umu Papa yasubiriye Papa François. Ico gihe idini rya katorika ryaramuhagurukiye rimusaba kwikurako iryo zina.

Ntibubaye ubwa mbere Koffi Olomide ahagaritswe n’ubutungane, mu mwaka w’i 2012, yaharitswe na sentare yo mu Bufaransa ku caha co gufata gupfunga no gufata ku nguvu abakobwa batatu bahoze mu murwi wiwe. Muri uwo mwaka nyene, yarahagaritswe yagirizwa gukubita umuhinyanyuzi wiwe.

Mu mwaka w’i 2004 yafatiwe ingingo n’abamenyeshamakuru bose b’i Kinshasa kutazosubira kuja mu biteramo vyiwe, kubera yigeze gukupita no kumena "camera"y’umumenyeshakuru yari mu giteramo ciwe.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.