IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Ku mezi 10 gusa amaze gushikana ibiro bipima abana bafise imyaka (...)

Ku mezi 10 gusa amaze gushikana ibiro bipima abana bafise imyaka 6

mardi 3 Ntwarante 2015

Aliya Saleem avuka mu gihugu ca Inde, yavutse nk’abandi bana, gusa uko agenda akura, abavyeyi biwe bagiye babona aguma avyibuha cane. Aliya afise ubu ibiro 18, bipima abana bafise imyaka 6, mu gihe akiri ku mezi 10 gusa.

Aliya yavukanye ibiro 4, mu nyuma ku mezi ane yagiye gutangura kuvyibuha cane, mbere n’ibiro vyiwe biguma vyongerekana. Uwo mwana afise amezi 10 mugabo agapima ibiro 18.

Abavyeyi ba Aliya barahagaritse umutima ukuntu umwana wabo aguma avyibuha n’ibiro vyiwe bikaguma biduga kandi akiri muto. Abo bavyeyi bavuga ko bafise ubwoba kubera bamaze kubura umwana w’umwaka 1, mu gihe nawe nyene yatangura kuvyibuha birengeje.

Umuvyeyi wa Aliya avuga ko umwana wiwe yagiye gutangura kuvyibuha ku mezi 4, ku buryo haheze iminsi 15 bategerezwa kumugurira izindi mpuzu kubera izo yaba afise zaba zabaye nto kuriwe.

Aliya ari kumwe n'uwundi mwana w'umwaka 1

Umuganga yakurikiranye uwo mwana, Dr Krishan Chugh, avuga ko atari bwabone umwana angana gutyo ku mezi 10 gusa afise, akongera akavuga ko uwo mwana yoba afise ingwara yo kuvyibuha. Uwo muganga avuga ko Aliya agiye gukorerwa ibindi bipimo kugira bamenye neza ikintu cateye ubwo buvyibuhe.

Abavyeyi ba Aliya bavuga ko gutunga Aliya vyabaye ikibazo kubera yama afise ingorane zo guhumeka, bikamubuza kuryama, akaguma asimbagurika kandi umwanya wose akaguma arira. Bongera bavuga ko ikindi kibazo bagira co gutunga Aliya ari ukuronka ibifungurwa bimuhaza, mbere kenshi abavyeyi ba Aliya bakaba basaba ababanyi kubafasha amafaranga kugira bafungurire umwana wabo asanzwe afise akayabagu kenshi.

Imfungurwa za Aliya

N’aho biri uko, Aliya ni umwana akundwa cane mu gace abamwo, mbere abana benshi barakunda kuza kumukinisha naho badashobora kumuterura.

Aliya n'abavyeyi biwe

Lorene Nubwabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.