IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Rihanna yahinduye ingingo yari yafashe yo guheba inzira ya shetani (...)

Rihanna yahinduye ingingo yari yafashe yo guheba inzira ya shetani akagaruka ku Mana

lundi 17 Munyonyo 2014

Inyuma yo gutangaza ko ahevye ivyo yahora akora vyose vy’ingeso mbi, inyigisho n’akarorero kabi yahora atanga canke yerekana biciye mu ndirimbo, mu masanamu yazo, mu mafoto ari gusa, eka n’ukuba icabona ca shetani kw’isi. Rihanna yahindukije amaso ku Mana, yisubiyeko.

JPEG - 35 ko
Rihanna ashaka kwinjira mw’idini rya Isilamu

Umuririmvyikazi Rihanna azwi nk’umuntu yihinduye ikimana co kw’isi, ivyo bibonekera mu mafoto asohora, mu ndirimbo n’amasamu yazo ataco vyibanga canke vyubaha. Nk’uko avyivugira yari asigaye afise ishusho ya shetani kw’isi. Ivyose vyose yahora akora bitajanye n’ishaka ry’Imana yabisize inyuma, ari mu nzira yerekeza ku Mana.

Mu majambo akomeye cane, Rihanna yagize ati : "Vyose nabitaye nk’akanuka : amasanamu afise ishusho ya shetani, amajambo y’ibiterasoni n’ibindi...Naratwawe imyaka myinshi, narakoreshejwe kugira nteze imbere ikibi. Naratwawe n’ivyisi, amaronko, inyota y’ubutegetsi, kurwoherwa birenze,.. Naratanze akarorero kabi igihe kirekire, narateye inkigi abantu bamfata nk’ikimana cabo mu nzira mbi, none numva bingeze ahantu. Kuva ubu, ndabaye umu Isilamu, ndazi ko bitaryohera Amerika canke imihingo myinshi y’isi, ariko ntakundi. Nakiriye agakiza kanje n’inzira yanje. Ico nsavye n’uko nokwubahirizwa kuri iyi ngingo mfashe, bakandeka nkabaho nk’uko ndavyipfuza."

Amakuru dukura mu kinyamakuru "WordPress" yerekana ko ivyo yabivuze kw’igenekerezo rya 10 Munyonyo 2014. Inyuma y’iminsi itarenga itanu yarabivuguruje. Rihanna yaraye atangaje ko yisubiyeko, ahubwo agiye gusohora ama foto menshi ari gusa. Ati :" Narinzi ko kuja mw’idini ry’aba Isilamu vyoroshe, ariko kubanza kwiga ururirimi rw’icarabu, amasengesho y’imisi yose, kwisonzesha,... numva bihanitse! Ndetse idini rya Isilamu, nta dini na rimwe nimirije kujamwo! Kwibera mu muzimiza mbona arivyo bimbereye. Kubera integuro y’urukurikirane rushasha "Rihannal", ngiye gusohora amafoto menshi ndi gusa kandi ndazi abagabo benshi bazondondera!".

PNG - 312.8 ko
Amwe mu mafoto agiye gusohora mu rukurikirane "Rihannal"

Bivugwa ko Rihanna yoba yararemerewe n’abandi baririmvyi basanganywe muri ivyo bikorwa vya shetani kuko abahevye iyo nzira kenshi baricwa.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • rihana yabonye ukuri araguhindura atinyako yazicwa kandi nivyo kuberako shitani umuyobotse ugashaka guheba ahita akwica bivuzeko rero rihana biriya yatangaje mbere vyokuba umwisramu nubundi nibirahera kuko umaze guserura iryo jambo batangura kugucungira hafi kuko buriya rihana buriya agezekuherezo ryiwe kuko agira yicwe nkabandi bose bamutanguriye imbere kuko niyo membo yabakozi bashitani murakoze

  • Mwenedata eka ntaho uvuye ntaho ugiye mugabo ntaco niyo nintango kubonye ko ivyo wagira atari vyiza. inzira wari gufata niyukujana kwa yesu christo wenyene.

  • Mwenewa ntibitanganje eregubundi kuba umwislam sukugirizina rya kislam ahubwo nukugendera musi yamategeko ya ALLAH kandi ikiryoshe murivyose nuko yaba uwemera ALLAH cank’uwutamwemera ntanumwe azobura icicaro kimukwiriye kumusi wihemMwenewa ntibitanganje eregubundi kuba umwislam sukugirizina rya kislam ahubwo nukugendera musi yamategeko ya ALLAH kandi ikiryoshe murivyose nuko yaba uwemera ALLAH cank’uwutamwemera ntanumwe azobura icicaro kimukwiriye kumusi wihemMwenewa ntibitanganje eregubundi kuba umwislam sukugirizina rya kislam ahubwo nukugendera musi yamategeko ya ALLAH kandi ikiryoshe murivyose nuko yaba uwemera ALLAH cank’uwutamwemera ntanumwe azobura icicaro kimukwiriye kumusi wihemMwenewa ntibitanganje eregubundi kuba umwislam sukugirizina rya kislam ahubwo nukugendera musi yamategeko ya ALLAH kandi ikiryoshe murivyose nuko yaba uwemera ALLAH cank’uwutamwemera ntanumwe azobura icicaro kimukwiriye kumusi wihembwa

  • Ego Rihana.Erega atari kwa Yesu ahasigaye ni ukuyenzera mumuzitanya wumwiza.

  • sha jw noguhanura ugumemw muga ALLAH ntazokubaz ivyakera muga kuvubu wiyubare kuk shetani igiy kuguhagurukira

  • Hahhhahahahhaha she is on the mission to lead Islam to satanism though they also so close in satanism

  • Basha ntaho yari avuye ntaniyo yaragiye!! Inzira twahawe n’inzira ya YESU kandi iyo nta mategeko y’amananiza ahari! Kandi abayijana mu kuri babikiwe Igitsibo!!

  • Ntaho yaragiye kuba islam nta buhungiro buriyo. Ubuhungiro buri kwa YESU gusa ntahandi

  • Twiyumvire neza atakucokozanya. 1uhevye satani ukakwirikira Imana,utakijijwe vyukuri ubupfuye(ex:steven kanumba). 2 twibaze kuriyodini yararokokeyemwo n’iyuki canke siyukuri? 3 umaze kuhinduka satani ukarokoka vyukuri ntangorane ugira,ariko usubiyinyuma gatoyi ukagwa muvyaha ubupfuye.Ntakigongwe satani atanga kuwamumeneye ibanga atariwe yamutumye. 4urokotse uba wera ntaco winona nakimwe,kandi satani ntashobora kugerageza uw’Imana yarokotse murubwo buryo ngwamushobore. 5 rihana aracari kw’isi canke yarapfuye, ntabihano yahawe n’uwaramurongoye amaze igihe kingana gute atavyago biramushikira? 6bantu b’Imana nimwigire ngaha idini y’ukuri yariyo.

  • Nimuvug ark murek gucir imanz abntu,ngo ntaho yaragiye?mbe kki aba krist mwigrak arimw musenga mwenyen?amadini nimensh gsa mumenyeko iman ata dini igr ikunda ivy rer mwitwaza amadini nivyanyu gutahuro mwaba kristu mwe,gsa issa(a.s)mwibukek yabwiy abariko bavuga ngo mwami mwimi ko atarib bazoja mwijuru.mwijur hazojay uwarikorey je simpagaz kumadini mpagaz kuwuzokor ivyiman igomba agakurikiza amategeko yimana ntugacire imanza bagenzawe irire ibigira cumi ibindi uvyihoze

  • ariko twibaze wohungira satani kwa satani?asha bitebe bitebuke ukuri kuzoja ahabona.

  • YAHISEMWO NEZA KUKO UMUNTU WESE AFISE GUHITAMWO

  • jew mbona ingigo rihanna yamfashe ariyo pe?

  • none Rihannanikuberikiyashihnyekujamwindiniryabeselamuntiyojamurindininibakamuhanurabakamwereka Inzirayofata Kandintacayerekana Amahpoto Arigusa Ngo Arikoronderamugaboyokwitondakarora Uwimanayamwandikiye

  • Nubundi Nihahandi Yarigupfa Kandi Nivyo Yahisemwo Nurupfu Kubwanje Ntiyihenze

  • IMANA NIMUFASHE ABIHEBE

  • Is Very Wonderful To See The Beautiful Girls As You See Their Pictures.The Problem Is That They Do Not Aware Where They Are Leaving For

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.