IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Ubudagi : Sentare yatunganirije umugabo yitwariwe ko asoba ahagaze aho (...)

Ubudagi : Sentare yatunganirije umugabo yitwariwe ko asoba ahagaze aho kwicara

vendredi 23 Nzero 2015

Sentare yo mu gihugu c’Ubudagi yaraye itatuye amatati yari hagati ya nyen’urupangu n’umupangayi wiwe aho nyen’urupangu yamwitwariye amwagiriza gusoba kw’isima aho gutumbereza mu kinogo c’akazu ka surwumwe.

Sentare y’intango y’i Düsseldorf (igisagara kiri mu burengero bw’igihugu c’Ubudagi) yaraye itatuye amatati yari hagati y’abagabo babiri. Amatati hagati ya nyen’urupangu n’umupangayi yatanguye igihe nyen’urupangu yinjira mu kazu ka surwumwe k’umupangayi wiwe w’umugabo, agasanga amama y’amasobe kw’isima avuga ko izimvye yo mu bwoko bwa "Marbre". Nyen’urupangu yaciye yitura ubutungane ko uwo mugabo amwononoera isima kubera ayo masobe ahakorokera atuma isiduka kubera arimwo ubumara. Wewe yashaka ko mugusoba yokwicara kuri "pot" kurya kw’abagore n’abakobwa.

Umukuru w’intahe Stefan Hank ahejeje kwumviriza ivyo abo bagabo babiri bapfa, yabatatuye yishimikije urwandiko rw’abahinga. Yagize ati : " Turavye ivyo abahinga bavuga, ego amasobe arimwo ubumara bushobora no kwonona isima, ariko uwo mugabo arafise uburenganzira bwo gusoba ahagaze". Abandanya abwira nyen’urupangu ko yari kugabisha umupangayi wiwe ko isima yiwe idakomeye, hama uwo mupangayi agafata iyo nzu bavyumvikanye canke ntayifate. Uwo mucamanza abandanya asigura ko uwo mupangayi yari gushiramwo umwitwarariko mu gusoba (gutumbereza muri "pot") mu gihe yari kuba abana n’abantu b’igitsina gore kuko arya masobe asigara ku mbiga za "pot" ashobora kubatera indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka, ntiyari kwitwaza ngo isima yiwe yosiduka.

Mbega ku bwawe Sentare yaciye neza urwo rubanza?


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.