IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Stromae agiye kuremesha ibiteramo mu bihugu bibanyi vy’Uburundi

Stromae agiye kuremesha ibiteramo mu bihugu bibanyi vy’Uburundi

vendredi 17 Ndamukiza 2015

Stromae yasohoye ikirangamisi c’ibiteramo agiye kugirira mu bihgu bitandukanye vy’umugabane wa Afrika.

Ku ncuro ya mbere, umuririmvyi Paul Van Haver azwi kw’izina rya Stromae azogendera umugabane Afrika aho azogirisha ibiteramo. Uwo mu Birigi(belge) ategekanya kuzoca mu bihugu 8 vyo mu burengero no hagati muri Afrika: Senegal, Cap Vert, Cameroun, Cote d’Ivoire, Congo Brazaville, Congo Kinshasa, Libreville na Kigali mu Rwanda. Ivyo biteramo vyatanguye kw’igenekerezo rya 13 Rusama i Dakar muri Senegal, bizohera ku rya 05 Ruheshi mu Rwanda kuri Stade Amahoro.

Stromae afise imyaka 30 yakwije kw’igenekerezo rya 12 Ntwarante 2015, amaze gukora "albums" 2: Racine caree na Cheese. Amaze kuronka ubushimwe 6, yakuye mu mahiganwa atandukanye yo kw’isi.

Umviriza"Humain à l’eau " ya Stromae


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.