IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Umugore umwe ari ku rutonde rw’aba Milliardaires, Bill Gates nawe ni uwa (...)

Umugore umwe ari ku rutonde rw’aba Milliardaires, Bill Gates nawe ni uwa mbere

mardi 3 Ntwarante 2015

Umunya Amerika Bill Gates ari mubatanguje uruganda "Microsoft" yagumye kw’isonga ry’umuntu wa mbere atunze kw’isi. Carlos Slim yagumye mu kibanzaca kabiri.

JPEG - 307.7 ko
Bill Gates

Ku madorari aharurwa mu miriyaridi 79,2, angana kandi ama "euros" imiriyaridi 70,7. Ubutunzi bwa Bill Gates bwiyongereye imiriyaridi 3,2 z’amadorari kuyo yarafise mu mwaaka uheze, nk’uko bitangwa n’ivyigwa vyakozew n’ikinyamakuru Forbes gitanga ivyo bihararuro ku mwaka ku mwaka.

Mu kibanza ca kabiri haza Carlos Slim asanzwe akora cane ibijanye n’itumatumanako ry’amakuru (télécommunications) avuka muri Mexique, uwo nawe afise amafaranga aharurwa mu madorari imiriyaridi 77,1. Uwo rero yinjije amahera menshi mu mwaka uheze kuko yongeyeko imiriyaridi 5, 1.

Abandi bakurikirana uku:
3) Warren Buffet: imiriyaridi 72,7 z’amadorari, n’umunyamerika, yongeyeko imiriyaridi 14,5 z’amadorari mu mwaka umwe. Uwo yakuye mu kibanza Amancio Ortega yatanguje "marque"y’impuzu ZARA.

4) Amancio Ortega, nawe afise imiriyaridi 64,5 z’amadorari, uwo nawe yongeyeko imiriyaridi 0,5 z’amadorari mu mwaka umwe gusa.

5) Larry Ellison, uwo yatanguje uruganda Oracle nawe afise imiriyaridi 54,3 z’amadoari.

Abandi ni nk’umugore w’Umufaransa LILIANE BETTENCOURT yabaye umugore wa mbere atunze kw’isi ku miriyaridi 40,1 z’amadorari, uwo nawe yongeyeko imiriyaridi 5,6 mwaka uheze. Mwomenyako uwo mugore ariwe samuragwa w’uruganda rukora amavuta yo kw’isiga OREAL. Eka na Mark Zuckerberg yaatanguje umurongo wa facebook ari ku rutonde rw’abanyamiriyaridi, nawe afise imiriyaridi 33,8 z’amadorari mu gihe yarafise imiriyaridi 28.5 yo mu mwaka heze.

Kw’isi haharurwa abo bita milliardaires bagera 1 826, mu mwaka uheze bari 1 645. ikinyamakuru Forbes kivuga kandi ko 46 muri bo bafise munsi y’imyaka 40


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.