IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Amerika : Umwana yamaze hafi amasaha abiri umutima wiwe udatera

Amerika : Umwana yamaze hafi amasaha abiri umutima wiwe udatera

lundi 23 Ntwarante 2015

Gardell Martin ni umwana w’umwaka umwe n’amezi cumi yamaze isaha imwe n’iminota 41, umutima wiwe udatera, imbere y’uko avyuka agatora akenge.

Gardell Martin n’abo bavukana babiri bagiye hanze gukina, aho Gardell yanyerera ku rubura rwayonze, aca arwa mu mugezi wari hafi yaho bariko barakinira mu nyuma aratwarwa n’amazi.
Uwo bavukana yaciye atabaza nyina wiwe, uwo nawe aca ahamagara abantu bajejwe gutabara, imbere yuko baja kurondera Gardell. Umubanyi w’umuryango wa Gardell Martin niwe yatoye uwo mwana ari mu mazi mugabo yafashwe n’ibiti bitatu, atagihema.

Uwo mwana yaciye atwarwa vyihutirwa mu bitaro, bataramushikana, niho batangura gukorakora ku mutima wiwe (Massage cardiaque) kugira barabe ko umwana yovyuka. Bamushikanye ku bitaro, abaganga bagera kuri 30 hamwe n’abaforomakazi nibo bariko bakora uko bashoboye kugira uwo mwana avyuke, mu gihe bamwe banamufuka ibintu vyinshi kugira asusuruke, abandi bakagerageza gushitura umutima wiwe.

Haheze isaha imwe n’iminota 41, niho babonye umutima wa Gardell usubiye gutera neza, mbere aranatora akenge. Abaganga baratangaye babonye ukuntu uwo mwana yakize n’ingoga kandi ata ngorane zo mu mutwe yigize agira, nk’uko muganga Frank Maffei, abivuga.

Gardell Martin akaba yamaze gutaha iwabo, n’aho amagara yiwe ameze neza, abaganga bazobandanya bamukurikirana.

Akanyamuneza ni kose kuri nyina wa Gardell Martin, Rose Martin mu gihe wewe avuga ko ari igitangaza Imana yamukoreye.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.