IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Abamenyeshamakuru basabwe kuja mw’ishirahamwe kugira bateze imbere igisata (...)

Abamenyeshamakuru basabwe kuja mw’ishirahamwe kugira bateze imbere igisata c’amareresi

mardi 8 mai 2018

Urwo ruganda ku bamenyeshamakuru b’imicokama rwabereye mu nyubakwa z’ikigo ndangamico y’abafaransa, rwatunganijwe mu ntumbero yo kwereka abamenyeshamakuru, akamaro ku guca hirya no hino bakiga uko amareresi aba akoze.

Gervais Hien ajejwe kumenyesha amakuru mw’isabukuru FESPACO yavuze ko kwiga uko ireresi ikoze bisaqba ko abamenyeshamakuru ubwabo, baba bafise ico bazi ku mwuga wo gukora amareresi, kuko bisaba ko bahanahana ivyiyumviro ku kungene ireresi yanditse, ico ivuga, uko yakinywe, uko amajwi n’amasanamu akozwe.

Bamwe barerekanye amakenga bafatiye ku rugero igisata c’amareresi kigezeko mu Burundi, aho berekanye ko ico gikorwa cohava gituma abatunganya amareresi bacika integer, mu gihe hoboneka ivyiyumviro vyerekana ko ireresi iyi canke iriya hari aho itakozwe neza.

JPEG - 154.4 ko
Gervais Hien, ajejwe kumenyesha amakuru mw’isabukuru FESPACO

Gervais Hien yishuye ati : « Oya ntaco vyica ahubwo bifasha uwakoze ireresi kumenya aho yakoze neza naho yakoze nabi, bikamufasha gukosora aho bitagenze neza, bikamufasha no gushimangira aho yakoze neza. »

Gervais Hien yavuze ko igikenewe ari uko abatunganya amareresi boza baratumirwa kugira nabo bashikirize uko babona ibikorwa vyabo, bikaba kandi vyobafasha gutahura ko hari ivyo bakora neza n’ivyo bakora nabi.

Uwo ajejwe kumenyesha amakuru muri FESPACO, ahamagarira abamenyeshamakuru b’imicokama mu Burundi, kuja mw’ishirahamwe rikurikiranira hafi ibijanye n’amareresi kugira bafashe ico gisata gutera imbere.

Ahamagarira abarongozi b’ibihugu gushira ugushaka mu guteza imbere imico kama, kuko arico conyene gishobora gufasha igisata c’amareresi gutera imbere, no gushika ku ntambwe ishimishije.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.