IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Umurundikazi Kadja Nin yashizwe mu bazotanga amanota mw’isabukuru ry’i (...)

Umurundikazi Kadja Nin yashizwe mu bazotanga amanota mw’isabukuru ry’i Cannes

dimanche 22 avril 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko Ka Jeanine ari mu bakenyezi bake, bashirwa muri ico gikorwa.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Indundi.com co mu Burundi, amenyesha ko muri ico gikorwa hazoba harimwo kandi umunyamerikakazi Kristen Stewart (“Sils Maria”), hamwe n’umufaransa Léa Seydoux (“La vie d’Adèle”), abo bakazoba barongowe na Cate Blanchett.

Kadja Nin yavukiye mu Burundi, mu ntara ya Gitega, ku muvyeyi Jean Ntiruhwama yabaye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ku ngoma y’umwami Mwambutsa IV.

Umuririmvyi Kadja Nin yashitse mu gihugu c’Ububirigi aciye mu gihugu ca Republika Iharanirwa Intwaro Rusangi ya Kongo, ari naho yahereje amashuri.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.