IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > FESTICAB 2017: Amareresi 7 yaronse ubushimwe

FESTICAB 2017: Amareresi 7 yaronse ubushimwe

samedi 27 Rusama 2017

Mu gisata c’amareresi mpuzamakungu avuga ivyabayeho (International documentaire) ireresi yabaye iya mbere ni ireresi : L’africain qui voulait voler yakinwe na Samantha BIFO, ireresi mpuzamakungu makungu ngufi (Court Metrage) yabaye iya mbere ni ireresi : Maman yakinwe na Maimouna Doukoule, mu gihe ireresi yindi yaronse agashimwe muri ico gisata ari ireresi ndende Long metrage: Tant qu’on vit ya Danio Kouyate.

Mu gisata c’amareresi yo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko ireresi yabaye iya mbere mu mareresi maremare (EAC long metrage) ni ireresi Aisha yakinwe na Omar Sande wo mu gihugu ca Tanzaniya, mu gihe muri ico gisata ireresi ngufi (EAC court metrage) yabaye iya mbere ari ireresi "Aplace of mine" ya Marie Clementine DUSABIJAMBO, umunyarwandakazi.

Igisata cari kirindiriwe cane ni igisata c’ireresi zo mu Burundi, muri ico gisata ireresi ivuga ku vyabayeho (National Documentaire) ni ireresi: Passionne Nicole Delya Kaze et Lionelle Nindwanira, mu gihe ireresi ngufi (National Court metrage) yabaye iya mbere ari ireresi "Viral" yateguwe kandi ihinyanyurwa na Irring Ruragahiye ari kumwe Djay Moula.

Abafashe amajambo bose barashimiye isabukuru mpuzamakungu ry’amareresi mu Burundi ku gikorwa co kwitanga kugira bateze imbere igisata c’amareresi mu Burundi, kuko naco gishobora gufasha mw’iterambere ry’urwaruka.

NGABO Leonce: Amareresi ashobora kuba akazi ku rwaruka

NGABO Leonce arongoye isabukuru mpuzamakungu ry’amareresi mu Burundi yamenyesheje ko urwaruka rwokwijukira amareresi kuko ari akazi kabarindiriye, aho ni mu gihe kubera Uburundi bwinjiye mu buhinga bwa none mu gisata c’imboneshakure "Television numerique", hazokenerwa ibiganiro, amareresi nayo akaba afise ikibanza ku ntonde z’imboneshakure.

Mw’ijambo ryiwe ryo gusozera isabukuru FESTICAB ry’umwaka wa 2017, umushikiranganji w’urwaruka inkino n’imicokama yarashimiye isabukuru FESTICAB kuko iyo ritunganijwe bitera iteka igihugu, aca asaba urwaruka gukunda igisata c’amareresi kuko gifasha kurwanya ubukene.

Isabukuru mpuzamakungu y’amareresi mu Burundi igira 9 y’umwaka wa 2017 yatunganijwe ku civugo : Ireresi n’agateka k’umukenyezi, iy’umwaka uza wa 2018 izotunganywa ku civugo : Urwaruka no kwitunganiriza akazi (Jeunesse et entrepreneuriat).


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.