IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > FESTICAB2018 : Amareresi 69 niyo yatowe kugira aje mw’ihiganwa rigira 10 (...)

FESTICAB2018 : Amareresi 69 niyo yatowe kugira aje mw’ihiganwa rigira 10 ry’amareresi

mardi 27 mars 2018

Mu kiganiro abatunganya isabukuru FESTICAB bahaye abamenyeshamakuru, kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 27 Ntwarante 2018, Francine MUNYANA amenyesha ko iryo sabukuru rigira icumi, ritunganijwe kuva kw’igenekerezo rya 4 gushika kurya 11 Rusama 2018, ari isabukuru ridasanzwe kuko rihuye n’imyaka icumi iheze ribayeho.

Francine MUNYANA, amenyesha ko mu mareresi yacaguwe kugira azoje mw’ihiganwa FESTICAB 2018, 8 ari ayatunganijwe n’abarundi, 29 ari mu mahiganwa mpuzamakungu, 10 yo mu karere ka EAC, hamwe na 22 yaronse ubushimwe mw’isabukuru FESPACO kuva mu mwaka w’1972 gushika mu mwaka wa 2015.

JPEG - 171.3 ko
Fancine MUNYANA, arongoye isabukuru y’amareresi FESTICAB

Ku ruhande rwiwe, Diane KANEZA ajejwe gutunganya ibikorwa, avuga ko isabukuru mpuzamakungu y’amareresi FESTICAB, ari ngirakamaro ku rwaruka rukina amareresi, kuko amareresi yabo ariyo ashirwa imbere.

Naho ku myaka icumi iheze isabukuru y’amareresi FESTICAB ibayeho ibitari bike kandi vyiza vyakozwe, Diane KANEZA avuga ko hari n’ingorane bahura na cane cane zifatiye ko abarundi ubwabo batagura amareresi y’abarundi.

Ati : « Mu bindi bihugu, abanyagihugu baragura amareresi yatunganijwe n’abo muri ivyo bihugu nyene, ariko mu Burundi siko bimeze, kuko amareresi y’abarundi aterekanwa mu Burundi. Ikibazo gihagaze ku buryo, kuko imboneshakure zokwerekanye amareresi ntiziyagura. »

Muri ico kiganiro ku bamenyeshamakuru, abari mu murwi utegura isabukuru FESTICAB 2018, baboneyeho n’akaryo ko kwerekana ikimenyetso kizoranga iryo sabukuru.

JPEG - 199.3 ko
Huguette NKURUNZIZA asigura ibigize ikimenyetso c’isabukuru FESTICAB 2018

Isabukuru mpuzamakungu y’amareresi igira icumi, itunganijwe ku civugo : « Urwaruka, kwitunganiriza akazi n’uburongozi », amareresi yatowe akaba azokwerekanwa mu bibanza bitatu, Ikigo ndangamico c’abafaransa i Bujumbura, ikigo c’urwaruka co muri zone ya Kamenge, n’ikigo ndangamico c’abafaransa kiri mu ntara ya Gitega.

Isabakuru mpuzamakungu y’amareresi itunganijwe ku ncuro ya 10, ihagarikiwe n’umukinyi w’amareresi ava mu gihugu ca Cote d’Ivoire Nastou Traoré.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.