IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Oprah yagendeye umuryango wa Ndikumana Katauti yahoze ari umugabo (...)

Oprah yagendeye umuryango wa Ndikumana Katauti yahoze ari umugabo wiwe

jeudi 23 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Oprah yari amaze iminsi itanu atabarizwa mu gihugu ca Tanzania, kuko yari muvyo gusezera ubwa nyuma uwahoze ari umugabo wiwe Ndikumana Hamad Katauti. Uwo mukinyi w’amareresi yabandanirije urugendo rwiwe mu Burundi.

JPEG - 169.5 ko
Oprah Uwoya n’umwana wiwe Krish Ndikumana ku mva ya Katauti

Kw’igenekerezo rya 18 Munyonyo 2017, Irene Uwoya canke Oprah n’umwana wiwe Krish Ndikumana barishikiye ahashinguwe Katauti kwunamira imva yiwe, baranamusengera.

Oprah ari kumwe n’umwana wiwe na nyina wiwe bahavuye baja gusuhuza abavyeyi ba Katauti n’abamuherekeje. Kuri Instagram, Oprah yasohoye video ngufi imwerekana Katauki (Se wa Ndikumana Hamad) asa n’uwuriko amuhezagira.

Yagize ati : “Ndagushimiye muvyeyi ku migisha wansabiye, ndabashimiye vy’umwihariko uburyo mwanyakiriye neza mukanansabira imigisha. Imana iguhe umugisha cane, tuzosubire tubonane, ndabakunda mwese kandi musigare amahoro. Imana ni nziza!! Mwarakoze cane Burundi.”

Inyuma y’aya mashusho Oprah Uwoya yashizeko ayandi mafoto akoze mu buryo bwa video ari kumwe n’abo mu muryango wa Katauti yandikako amajambo avuga ati: “Ni wewe nemera", amajambo y’indirimbo yakoresha cane mu gihe Katauti yari yitavye Imana...Iruhuko ridashira Papa Krish.”

Irene Pancras Uwoya (ubu asigaye yitwa Sheilla, inyuma yo kwubakana na Dogo Janja) afise umwana w’umuhungu yitwa Ndikumana Krish yavyaranye na Katauti. Imbere y’uko apfa, bari bamaze iminsi bataraba ryiza bikabonekera mu majambo bandikirana ku mbuga ngurukanabumenyi.

Urupfu rwa Ndikumana Katauti rwakurikiwe n’inkuru zitandukanye kuri Oprah Uwoya. Vyatanguye oprah ashirwa mu majwi avuga ko atababajwe n’uru rupfu abandi bakamwagiriza ko yoba afise uruhara mu rupfu rwa Katauti yahora amenyereza umurwi wa Rayon Sports wo mu Rwanda.

JPEG - 149.7 ko
OPrah ari kumwe n’umwana wiwe bavyaranye na Katauti

Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.