IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Ireresi ya John K-ay n’ibihangange mu mareresi mpuzamakungu igiye (...)

Ireresi ya John K-ay n’ibihangange mu mareresi mpuzamakungu igiye gusohoka

mardi 3 Gitugutu 2017

"Cop’s enemy" ni ireresi igiye kuja ahabona mu ntango za Nzero umwaka w’i 2018. Ico gihe nyene izoheza yerekanwe ku mpande nyinshi z’isi no mu Burundi harimwo. Iyo reresi yakozwe na John K-ay, Van Vicker bafadikanije na Prima Smith. Uwo wanyuma akaba ari umukinyi w’amareresi avuka mu gihugu ca Australiya nayo Van Vicker akaba umunya Ghana.

John K-ay ni nde?

Jean Marie Ndayishimiye akina kw’izina rya John K-ay n’umurundi avuka ku murimvyi Stephaniya Hakizimana n’umwigisha Elize Gahungu. Abo bakaba bahunze igihugu mu mwaka w’i 1993, bahungira mu gihugu ca Tanzaniya ari naho bahava baronka ubuhungiro mu gihugu ca Australiya mu mwaka w’i 2006. Mu nyuma uwo muryango wahavuye uja kuba ahitwa Perth ari naho John K-ay yahereje amashuri yisumbuye mu mwaka w’i 2010.

Uwo mwaka w’i 2010, niho John K-ay yatanguza umurwi yise Tao Boiz Crew. Cop’s Enemy izoba ibaye ireresi ya gatanu ikozwe nawe. Mu mwaka w’i 2011 yasohoye Last TearsFor a Lost Destination; Nothing is Impossible yasohotse mu mwaka w’i 2012; Hope and Sufferers na Irreversible Choices yasohotse mu mwaka w’i 2016.

John K-ay amaze kuronka ubushimwe butandukanye ahawe ku mareresi akora. Aha turavuga agashimwe yaronse mu mwaka w’i 2016 kw’ireresi " Irreversible Choices". Muri iyo reresi, John K-ay yabaye umuyobora bikorwa wa mbere mw’ihiganwa AAMMA Awards 2016 hamwe n’agashimwe yahawe na CinePlay TV Awards 2017.

JPEG - 229.4 ko
Uwuzungurijwe n’agasa n’umuhondo ni Van Vicker, uw’agasa n’ubururu ni Prima Smith,uw’agatukura ni John K-ay

Cherif NKESHIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.