IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Amareresi > Ikiganiro ku civugo ca Festicab 2013 incuro ya gatanu mu Burundi

Ikiganiro ku civugo ca Festicab 2013 incuro ya gatanu mu Burundi

lundi 10 Ruheshi 2013

Mu rukurikirane rw’indwi y’isabukuru y’amareresi ku ncuro ya gatanu mu Burundi ( Festicab 2013), hatunganijwe ikiganiro co guhanahana ivyiyumviro mw’ihoteli Club du Lac Tanganyika ku civugo catowe muri uyu mwaka « Amareresi mu mugambi w’amahoro n’iterambere.»

Abaremesheje ibiganiro uko ari babiri, Athanase Ntiyanogeye umuhinga n’umwigisha wa kaminuza hamwe na Fatoumata COULIBALY, ahagarariye isabukuru muri uno mwaka bagarutse kuri kahise k’amareresi mu karere k’ibiyaga binini muri rusangi no mu Burundi cane cane, ku ntambwe z’ihinyanyurwa ry’amareresi kuva ku ntwaro ya gikoroni gushika ubuhinga bwa none bukoreshwa ubu.

Ikiganiro ca Athanase Ntiyanogeye cagarutse ku ruhara rw’amareresi ku ntwaro ya gikoroni aho abanyamahanga bazikoresheje mu kugaragaza ibikorwa vyabo mu Burundi co kimwe no guhindura ivyiyumviro vy’abarundi babigisha umuco runtu.

JPEG - 69.9 ko
Athanase Ntiyanogeye ari mu baremesheje ikiganiro na Eloge Nzeyimana, umukuru wa Festicab 2013 ( i bubamfu)

Mu kiganiro ca kabiri c’uwuhagarariye isabukuru muri uno mwaka, Fatoumata Coulibaly yerekanye intumbero y’amareresi mu gihugu ciwe ca Mali, ihangiro yo guhindura imibereho, ari nayo ntango y’iterambere.

Fatou Coulibary yamenyesheje ko amareresi ari ngirakamaro cane kuko atanga isanamu y’ibikorwa vyose mu gihugu haba mu burimyi, mu budandaji, mu magara y’abantu, muri politike n’ibindi, kandi ubutumwa butangwa bugashikira abo bwega.

JPEG - 32.1 ko
Fatoumata Coulibaly, ahagarariye isabukuru muri uno mwaka

Abari bitavye ico kiganiro nabo nyene baterereye ivyiyumviro basaba abafata ingingo mu gihugu guteza imbere ico gisata gisanzwe gifasha mu guha isanamu nziza igihugu.


Luc Noel Ingabire na Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.